Abarundi 753 binjiranye mu Ruyigi

0

Buramatari w’intara ya Ruyigi amenyesha ko iyo ntara yakiriye kuri uwu wa kabiri Abarundi bagera ku 753 bahungutse bava mu makambi y’impunzi ya Nduta hamwe na Mtenderi, mu gihugu ca Tanzaniya. Buramatari wa Ruyigi yemeza ko abo barundi batahutse ku gushaka kwabo.

Abo bahungutse bagizwe n’imiryango 247, ni ukuvuga abagabo 35, abagore 402. Ibiharuro bitangwa n’abajejwe intwaro mu ntara ya Ruyigi bivuga ko muri abo bahungutse abagera ku 529 ari abo mu ntara ya Ruyigi, 90 b’i Gitega, 62 bo mu Rumonge, 36 b’i Bujumbura, 18 bo mu ntara ya Cibitoke, 10 b’i Bubanza, 7 b’i Bururi, hamwe n’umuntu umwe wo mu ntara ya Muramvya.

Abo barundi batahutse inyuma y’aho bivugiwe ko abategetsi batandukanye b’igihugu ca Tanzaniya babandanya kuvuga ko badashaka impunzi z’abarundi muri ico gihugu. Reta ya Tanzaniya yemeza ko Uburundi burimwo amahoro, igasaba abahunze guhunguka.