Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsMenya ubuzima bwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA yakwije imyaka itatu agandaguwe

Menya ubuzima bwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA yakwije imyaka itatu agandaguwe

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 2 Myandagaro 2018, neza na neza imyaka itatu irarangiye umuhisi Lt Gnl Adolphe Nshimirimana agandaguwe bunyamaswa. Amakuru dukura mu begereye uwo yahoze mu ntwazangabo z’igisirikare c’Uburundi avuga ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2/8/2018 harategekanijwe igisabisho co kumusabira.

Ico gisabisho ikazobera kw’isengero ry’abasirikare ryitiriwe Christu Umwami riri mu Kinanira hirya gato y’ikigo ca ISCAM, hepfo y’ibohero rya Mpimba. Ico gisabisho gitangura isaha zitandatu (12h00) z’umurango kuri uwu wa kane.

Ku bari ruguru, igisabisho nk’ico kibera kuri paruwase Gishubi isaha zine (10h).

Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza yagandaguwe arashwe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2016, mu gitero c’abantu bamutegereye ageze kw’ibarabara RN1, hafi y’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled.

Général Adolphe NSHIMIRIMANA yamaze hafi imyaka icumi ariwe ajejwe ibiro bikuru vy’iperereza. Imbere y’ayo mabanga, yari yarabaye igihe gito icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.

Willy nyamitwe umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko General Adolphe Nshimirimana yari somambike wa perezida Nkurunziza, mbere yari mu bantu Pierre Nkurunziza yambitse umudari w’icubahiro c’igihugu kubera ibikorwa yaranguye.

Ubucuti bwabo n’ubugenzi bwabo hagati yiwe na perezida Nkurunziza bwari bwatanguye mu 1995.

Uwo mwaka niho Pierre Nkurunziza yafata akayira ko kuja mu muhari CNDD FDD wari wafashe ibirwanisho ngo urwanye leta y’ico gihe.

Ariko General Adolphe Nshimirimana we yari asanzwe ari mu mu bantu ba mbere batanguje uwo muhari inyuma y’igandagagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye mu 1993.

General Adolphe Nshimirimana yabaye mu bantu bategetse ingabo z’uwo muhari, gushika habe amasezerano yo guhagarika intambara hagati yawo na leta y’ Uburundi mu 2003.

Niwe yari ajejwe ibiro bikuru vyawo, mu gihe Pierre Nkurunziza yari umunyamabanga mukuru muri uwo muhari.

General Adolphe Nshimirimana yarenza imyaka mirongo itanu y’amavuko yarabaye igihe kitari gito mu Rwanda ari naho mbere yize amashure yisumbuye.

Uretse amabanga y’igihugu, General Adolphe Nshimirimana yari azwi cane mw’ikaritiye avukamwo ya Kamenge mu buraruko bushira ubuseruko bwa Bujumbura.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments