Umukuru w’umugambwe UPRONA Abel GASHATSI yashinzwe ayandi mabanga

0

Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA aramutswa amabanga mashasha kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2018, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Uwo arongoye umugambwe UPRONA yagenwe kuba umuyobozi mukuru w’ishirahamwe « Mutuelle », akaba agiye mu kibanza cahoramwo Concilie NIBIGIRA.

Concilie NIBIGIRA yahoze nawe nyene ari umukuru w’umugambwe UPRONA yari yasubiririwe na Abel GASHATSI muri ayo mabanga, akaba n’ubu nyene ariwe amusubirirye mu burongozi bwa « Mutuelle »