Makamba : Abanywanyi babiri ba CNDD FDD batewe n’abitwaje ibirwanisho

0

Abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana bategereye abagabo babiri bariko barataha mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, babatera Gerenade.

Abo bategerewe ni uwitwa Ernest KENGUZA hamwe na Leonce NGABO, bompi akaba ari abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi bariko barataha bavuye mu bunywero bwegereye aho baba.

Ico gitero cabereye ku musozi Nyakazi, intara ya Makamba. Abo batewe barakomeretse, ubu bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vy’aho mu ntara ya Makamba.

Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.