Umukuru w’ingabo z’Uburundi yadugijwe ipete

0

Général Major Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare yadugijwe ipete kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 1 Mukakaro 2016. Kuva kuri uwu wa gatanu, Prime NIYONGABO azwi nk’uwaburijemwo ugushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, yashizwe kw’ipete rya Lieutenant Général.

prime

Abandi badugijwe ipete muri iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu, ni umukuru w’ibiro bikuru vy’iperereza, Général de Brigade Etienne NTAKARUTIMANA batazira Steve, yashizwe kw’ipete rya Général Major. Abandi bahawe iryo pete rya Général Major ni : Général de Brigade Joseph NDAYISHIMIYE SS 0071, hamwe na Général de Brigade Emmanuel MIBURO SS 0077.

Izindi ntwazangabo zitatu zahora kw’ipete rya Général de Brigade Commissionné zashizwe kw’ipete rya Général de Brigade. Abo nabo ni : Général de Brigade Commissionné Agricole NTIRAMPEBA SS 0423, Général de Brigade Commissionné Jean Paul HABIMANA SS0372, hamwe na Général de Brigade Commissionné Marius NGENDABANKA SS0244.