Umukuru wa APRODH i Gitega yaciriwe umunyororo w’imyaka itanu

0

Sentare nkuru ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura yaciriye igihano c’ugupfungwa imyaka itanu Nestor NIBITANGA yahoze arongoye ishirahamwe APRODH mu ntara ya Gitega, ishirahamwe rijejwe agateka ka zina muntu hamwe n’ak’abapfunzwe.

Mu ntahe y’icese yabaye kuri uwu wa mbere, Nestor NIBITANGA yagirijwe ko yabandanije gutanga ivyegeranyo vy’uko agateka ka zina muntu kifashe hagati mu gihugu, kandi ishirahamwe APRODH yari arongoye i Gitega ryari ryahagaritswe na Reta y’Uburundi.

Nestor NIBITANGA yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2018, akaba yafashwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, hamwe n’imigumuko.

Nestor NIBITANGA yari yasabiwe umunyororo mw’imyaka 20, nk’uko vyemezwa na Fabiyano SEGATWA, umushingwamanza amufasha kuburana.

Umushingwamanza Fabiyano SEGATWA avuga ko agiye kwunguruza urubanza.

Ubutungane bw’Uburundi bwaheruka gucira urubanza rw’ugupfungwa imyaka 32 Germain RUKUKI yahoze akorera ishirahamwe ACAT Burundi rijejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu.