Michelle Bachelet, ubwo yoba azokorana neza na Leta y’Uburundi?

0

Michelle Bachelet,Umuhagarikizi mushasha w’Umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu kw’isi yaragenywe ngo asubirire uwahahora, ariwe Zeid Ra’ad Al Hussein, kubera uyo yahahora yamenyesheje ko ikiringo ciwe kirangiye adashobora kubandanya akora ako kazi. Zeid Ra’ad Al Hussein akaba yakiranye akanyamuneza uwo agiye kumukorera mu ngata.Ariko rero ikibazo kihari ni: Ubwo uwo mushasha yagenywe yoba azokorana neza na leta y’Uburundi turavye uko uwahahora atahuza neza nayo?

Zeid Ra’ad Al Hussein yahahora akaba atabona ibintu kumwe na leta y’i Bujumbura, eka mbere akaba atanarabwa ryiza na leta y’i Bujumbura kubera ko yaguma yagirizwa n’iyo leta nyene ko ashigikira ‘ivyegeranyo bidafashe’ vyasohorwa ku Buruundi, ivyama vyamiriwe kure n’iyo leta nyene.

Zeid Ra’ad Al Hussein akaba yarigeze kuvuga ko ibihugu bimwe bimwe harimwo n’Uburundi ko ari ‘ibibanza vy’ibagiro vy’abantu’ kubera ubukozi bw’ikibi buhabera. Ariko rero, ivyo yamenyesheje leta y’Uburundi ntiyatevye kuvyamirira kure mu kumenyesha ko amajambo ya Zeid Ra’ad Al Hussein adafashe kandi ko ari gusuzugura Uburundi’.

Michelle Bachelet, umukenyezi yigeze gutwara igihugu ca Chili, akaba azotangura amabanga yiwe ku wa 31 Myandagaro 2018. Akaba yavuzwe na Zeid Ra’ad Al Hussein ko ‘afise kamere zizomushoboza kubandanya akora akazi ko gukurikirana neza aho yari agejeje mu bijanye n’agatela ka zina muntu’.