Icibutso c’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Cibitoke cabomowe

0

Abantu bataramenyekana babomoye kuri uwu wa mbere icibutso c’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD FDD, ico cibutso kikaba ari ico ku murwa mukuru wa komine Mugina, intara ya Cibitoke.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke bamenyesha ko ababomoye ico cibutso bataramenyekana, ariko ko amatohoza yatanguye.

Umugambwe CNDD FDD ubandanya kwubaka ivyibutso vyawo mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, abatavuga rumwe n’uwo mugambwe bakavuga ko ico gikorwa ari ikigamije kwerekana ko mu Burundi hari intwaro y’umugambwe umwe, kuko, kubw’abo batavuga rumwe n’ubutegetsi, mu kwubaka ivyo vyibutso ntibabanza kuraba ko aho bacubatse bahafise abanywanyi benshi kuruta abandi bo mu yindi migambwe.