Umukozi wa DPAE Muyinga yishwe arashwe

0

MUMPUTU Jean Pierre, umukozi w’igisata kijejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Muyinga (DPAE) yagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri n’abantu bataramenyekana bamurashe ageze imbere y’urugo rwiwe ruri ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga, kw’ibarabara bakunze kwita Ku rya Rumonge.

Uwo mugabo yategerewe nk’igihe c’isaha zine n’iminota 45 z’ijoro, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Petero NKURIKIYE.

Mu giporisi bamenyesha ko uwo mugabo yarashwe mu gihe yari avuye kubonana n’umukuru w’ishirahamwe PRODEMA mu ntara ya Muyinga.

Ikiziga ciwe caciye kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vy’intara ya Muyinga, mu giporisi bakavuga ko amatohoza yamaze gutangura.

Tubamenyeshe ko uwo MUMPUTU Jean Pierre yakunda guhiganirwa amasoko mw’ishirahamwe PRODEMA, mbere kenshi akaba ariwe nawe yayatsindira.