COMESA yasiguye igituma inama y’abakuru b’ibihugu yasivye kubera mu Burundi

0

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe COMESA, SINDISO NGWENYA yemeza ko ingingo y’ukwimurira i Lusaka muri Zambiya inama ya COMESA yari kubera mu Burundi atariwe yayifashe, ahubwo ko yafashwe n’abakuru b’ibihugu bigize iryo shirahamwe batinye kwishikira mu Burundi, kubera amakenga ku mutekano wabo.

Nk’uko uwo munyamabanga mukuru wa COMESA abivuga, abakuru b’ibihugu bemeje ko bazoja muri iyo nama yobereye mu Burundi ni umukuru w’igihugu wa Uganda, uw’igihugu ca Comores, uwa Zambiya, hamwe n’umukuru w’igihugu wa Zimbabwe. Mwomenya ngaho ko ibindi bihugu bisigaye bitemeje ko bizokwitaba iyo nama mu Burundi.

Aho ni mu gihe kugira iyo nama ibe, bisabwa ko abakuru b’ibihugu n’imiburiburi 13 bemeza kuzokwitaba iyo nama.

Bamwe mu bakuru b’ibihugu bokwitavye iyo nama bashikirije amakenga ku kibazo c’umutekano wabo mu Burundi.

Amategeko y’ishirahamwe COMESA avuga ko iyo inama idashoboye kubera mu gihugu cari kuyakira, ica yimurirwa ku cicaro c’iryo shirahamwe, ico naco kikaba kiri muri Zambiya, mu gisagara ca Lusaka.

Reta y’Uburundi ivuga ko ibandanya kwitegurira kwakira inama ya COMESA, gushika umunsi abakuru b’ibihugu bigize iyo nama bazokoranira bemeze ko iyo nama itakibereye mu Burundi, nk’uko vyashikirijwe n’ubuyobozi bwa COMESA.

Filipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko kuba Uburundi bwaratanguye kwitegurira iyo nama, ari kubera hari amasezerano Reta Uburundi na COMESA bateyeko umukono, ayo nayo akaba ariyo yatanga uburenganzira bw’ugutangura kwitegura.

Nk’uko yabishikirije mu kiganiro c’abavugizi cabereye mu ntara ya Bururi kuri uwu wa gatanu, Uburundi kubera bufise amakete y’ukwitegura, ico gikorwa kirabandanya gushika aho inama y’abakuru b’ibihugu izokoranira, yemeze ko iyo nama itazobera mu Burundi. Naho biri ukwo, Firipo NZOBONARIBA aremera ko umwizero bw’Uburundi bw’ukwakira iyo nama ari muke.

Mu gihe iyo nama yobera i Lusaka muri Zambiya nk’uko vyashikirijwe na COMESA, Reta y’Uburundi yemeza ko izokwitwara, amafaranga yose yakoreshejwe mu myiteguro iyasubizwe.

Iyo nama isigaje indwi zibiri, mw’ishirahamwe COMESA bagahanura Uburundi ko bwotegura urwandiko rw’amafaranga yakoreshejwe mu myiteguro, kugira abakuru b’ibihugu bazofata ingingo z’ivyokorwa.