Umuhuza Benjamin MKAPA yashitse i Bujumbura

0

Umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, Benjamin Mkapa yakoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzaniya yashitse i Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu. Benjamin Mkapa ategekanya kubonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Ibiza kuva muri uwo mubonano tukaza kubigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

ya1

Benjamin Mkapa ashitse mu Burundi inyuma y’ingendo yari amazemwo iminsi ku karere ka Afrika y’Ubuseruko. Imbere y’uko ashika i Bujumbura, yabanje kubonana na Yoweri Kaguta Museveni umukuru w’igihugu ca Uganda nawe nyene akaba azofashanya nawe mu biganiro bihuza Abarundi. Kuri uwu wa kane naho, Benjamin Mkapa yabonanye na paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Urwanda

ya2

ya3

yoo

see