Umuganwa RUGEMA arasigura ivy’amoko mu Burundi

0

UMUGANWA RUGEMA ARASIGURA IVY’AMOKO MU BURUNDI

ATI: ABARUNDI TUGIZWE N’IMIRYANGO NTITUGIZWE N’AMOKO!

Barundi Barundikazi
Bashingantahe Bapfasoni namwe
Rwaruka rwarukiye mu mananiza y’Uburundi,

Abazungu mukudutandukanya mu moko y’Abahutu n’ Abatutsi kwari ukugira biborohere kudutwara no kuduteranya!
Imbere yuko abazungu baza mu Burundi ku Mwami MWEZI IV GISABO, ayo moko ntayarariho, havugwa imiryango kandi umuryango wose warufise ibanga ujejwe i Bwami. Nta muryango n’umwe warukumiriwe i Bwami!
Kuba umuhutu, umututsi canke umuganwa vyari bifise iyindi nsiguro atari iy’ubwoko.

Aho hambere, Umuhutu vyasigura umukozi, umurimyi canke umucangero.
Insiguro y’Umututsi nayo yaba ar’Umurundi wese yifise, atunze akagira inka nyinshi n’amatongo. Abakozi bamurimira n’abamuragirira inka yabita abahutu biwe.
Mur’abo batunzi bakera (Abatutsi) usanga harimwo abagiye mu bwoko bw’Abahutu mur’iki gihe. Aha twotanga akarorero nko ku Miryango y’Abahanza, Abajiji, Abashubi n’abandi bari bajejwe amabanga akomeye i Bwami, bari bifise bakagira Inka n’amatongo menshi. Ntawokwubahutse ngo abite abahutu mur’ico gihe!

Akarorero, n’ubu biracariho, har’abahutu bitanezera kwitwa abahutu, umwise umuhutu aca akubwira ati sind’umuhutu wawe!
Umututsi nawe umwise umututsi aca yumva agatima ari derere kuko umwise umutunzi naho yoba akenye!

Abazungu mukudutandukanya mu bwoko butabaho bw’Abahutu n’ Abatutsi, bamwe mu Barundi bemeye kwitwa Abahutu kandi ar’abatunzi abandi bemera kwitwa Abatutsi kandi ar’abakene.

Akandi karorero nobaha ni nko kuvyerekeye ubugererwa. Mu bagererwa harimwo Abahutu n’abatutsi dufatiye kur’aya moko y’iki gihe. Uwuguhaye aho urima nawe ukamurimira canke ukamukorera iyindi mirimo, wamwita Shobuja nawe akakwita umuhutu wiwe.
Shobuja yashobora kuba ari nko mur’abo Bahanza canke Abajiji biyita abahutu uno munsi nawe umugererwa ukaba uri mur’abo biyita Abatutsi mur’iki gihe.

Ku Ntwaro y’Ubwami mu Burundi, Abarundi bose mu miryango yabo barubahana bakaba magiriranire, bagahana abageni, bagasangira intara, bagahurira ku Mwami umwe, ariwe SEBARUNDI.

Abahanza canke Abajiji bari abishikikira i Bwami, bakaba bari bifise bakagira abahutu babo. Ubu bagiye mu bwoko bw’abahutu. Ariko aho hambere gushika ejo bundi kw’itembagazwa ry’Ingoma y’Uburundi, Umuhanza canke Umujiji umwise umuhutu mwari kubipfa. Ivyo nivyo vyerekana ko imbere y’uko abazungu baza mu Burundi, havugwa imiryango hatavugwa amoko.
Har’imiryango myinshi vyagoye kugira bemere ko bari mu bwoko bw’Abahutu canke mu bwoko bw’Abatutsi

Icerekana neza ko atamoko ariho mu Burundi, nuko nkuko benshi mumaze kuvyumva, bishika Umuhutu akihutura, Umututsi akitutsura. None mwuva ubwoko umuntu ahindura uko ashatse canke ubwoko bwihisha mu bundi ar’ubwoko bw’ukuri?

Ivy’uko Abaganwa batahira, ivyo nivyo cane! Ariko ntibacika Abatutsi baca bafata iyindi miryango, nk’Ababibe, Abarango, Abavuna, Abasine, Abakundo n’abandi….Bashobora gufata imiryango ry’izina ry’Ubwami ry’umwami bakomokako, nk’Abataga, Abezi, Abatare canke Abambutsa.
Umuganwa mubisanzwe yaba ar’Umuganwa atwara canke aherukirako gutwara dufatiye muriki gihe batagitwara. Abo nibo twita Abaganwa b’Inda y’Ingoma canke Princes mu gifaransa.
Ivyo bigasigura ko Abaganwa bose mu Burundi ataraba princes kandi bikaba nkavyo nta bwoko bwaba princes bubaho!!!

Akarorero: Iyo bavuze “Umuganwa RUGEMA” nuko nd’umuganwa wo mu nda y’Ingoma nkaba mu muryango w’Abezi. Sind’umuganwa w’ubwoko!

Ndemeza ko abarundi tugizwe n’imiryango tutagizwe n’amoko! Ayo moko yashizweho n’abazungu kugira baducanishemwo kandi barabishitseko turavye ukuntu twicana dupfa ubwoko butaribwo kuva Ingoma y’Uburundi itembagajwe gushik’uno musi!

Akandi karorero nobaha, hari “Abatutsi” twaganiriye ejobundi kuvyerekeye “ubwoko” bw’abakurakuranywe ku ntwaro kuva Ingoma y’Uburundi itembagajwe, bararahiye bararengwa, bati Abatutsi ntiturigera dutwara mu Burundi! Bati kuva Ingoma y’Uburundi itembagajwe gushik’ubu nta Mututsi aratwara Uburundi!
Murumva ko ayo moko tutayumva co kimwe, arico gituma hakubitako umwanya twokoresheje mu kwubaka igihugu cacu tukereka inzira nziza itagira amacakubiri y’amoko urwaruka rwacu, twova i buzimu tukaja i Buntu tukabana nk’abonserimwe nkuko ba Sokuru baturaze igihugu c’amata n’ubuki kizira ubugunge n’uburyarya, tukavavanura n’ayo macakubiri asibije igihugu cacu.

Birababaje kubona ivangura ry’abarundi mu moko (Quota ethnique) ryagizwe itegeko mukugira ibitigiri vy’abahutu n’abatutsi baja mu nzego z’ihihugu canke ngo baronke akazi gasanzwe. Uko imisi igenda niko Abarundi twitandukanya mu macakubiri y’amoko.
Aho kuraba ubushobozi (Compétence), ubushingantahe n’ubupfasoni, bashira ubwoko imbere.
Iyo abanyepolitike n’incabwenge bize bamwe bamwe bariko baragabura ibibanza vy’akazi mu moko, vyungura iki umunyagihugu asanzwe?
Kazoza turiko dutegurira urwaruka rwacu n’akahe?

Tutize kubana nk’abavukanyi, tuzopfa nk’imburakimazi igihugu cacu citorerwe n’abahita!

Ingoma y’Ubwami mu Burundi nkuko yagwaniwe n’Inserukarukamvye Umutabazi BIHOME n’Incungu y’ukwikukira kw’Uburundi, Umuganwa Ludoviko RWAGASORE, niyo yonyene yoza isubiza Abarundi hamwe tukaraba imbere kugira twubake igihugu cacu, Abarundi twisubize agateka ko kwitwa abarundi ku Ntwaro y’Ubwami yamye iharanira iteka n’itekane.

Ari Umutabazi BIHOME ntiyari Umuhutu canke Umututsi!
Ari Umuganwa Ludoviko RWAGASORE ntiyari Umuhutu canke Umututsi!
Ico tuzi co n’uko izo Ntwari zacu bari Abarundi, biguze Uburundi kugira bakize Abarundi!
Uburundi babuturaze ar’ubw’Abarundi,
Ntibabuturaze ar’ubw’Abahutu n’Abatutsi!

Amajambo ya nyuma y’Umuganwa Ludoviko RWAGASORE ati:

“IMANA n’idufashe ituje imbere, maze
UMWAMI wacu Sebarundi,
arambe ahangame ku Ngoma,
UBURUNDI ntibwigeze bugwa mw’isanganya”