Pierre Claver Ndayicariye yakuwe muri CENI ajanwa muri CVR.

0

Abashingamateka b’Uburundi batoye kuri uyu musi wa kane abashika kuri 13 bashasha bagize umugwi CVR Burundi, umugwi ujejwe ukuri no kurekuriranira mu Burundi.

Muri abo 13 bagenywe hariho uwahora arongoye umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi kuva mu mwaka wa 2010 gushika mu matora y’ibwirizwa shingiro uyu mwaka muri Rusama, nawe akaba ari Pierre Claver Ndayicariye.

Uyo mugwi ukaba washizweho kugira ukore amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu myaka ya 1960 kugeza hasinywe amasezerano y’i Arusha mu mwaka wa 2005.

Izo ntumwa nshasha za CVR zikaba zatowe n’Inama nshingamateka y’Uburundi, kandi zikaba ziva mu bwoko bw’abahutu no mu bwoko bw’abatutsi.

Raba hano intumwa ndwi zatowe ngo zije muri CVR zo mu bwoko bw’abahutu:

1) Batungwanayo Aloys
2) Nzigamasabo Léa Pascasie
3) Hakizimana Déogratias
4) Karenga Ramadhan
5) Ndayicariye Pierre Claver
6) Nahimana Elijah
7) Niyonkuru Pascal.

Abo mu bwoko bw’abatutsi akaba ari aba bakurikira:

1)Deogratias Ndikumana Alias Muvala
2)Clement-Noe Ninziza
3)Leonce Ngabo
4)Alice Nijimbere
5)Denise Sindokotse.