Abana 202 bakuwe mw’ibarabara n’amashirahamwe abiri

0

Abana bo mw’ibarabara amajana abiri na babiri (202)nibo baraye basubijwe mu miryango yabo iri mu ntara zitandukanye zigize igihugu c’Uburundi.

Ivyo bikaba vyakozwe n’ikigo kijejwe kubegeranya Kiri mw’i Jabe kizwi kw’izina rya “Enfant soleil” hamwe n’ikigo na CNLSP, vyompi vyegukira ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu no gufatana mu nda.

N’aho igikorwa c’ugukura abana basegerereza kibandanya mu mugambi wa Reta y’Uburundi, muri FENADEB bavuga ko bafise amakenga ko abazokurwa mw’ibarabara bazohava bakurwaho ku nguvu, na rirya abegwa n’ico kibazo batagishwa inama.

Umwigisha muri za Kaminuza Joseph Ndayisaba avuga ko icihutigwa kitoba kubakura mw’ibarabara igihutihuti, ariko hobanza hakigwa igituma baja mw’ibarabara, n’ingene ubuzima bw’abo bwomera neza inyuma yo gukurwa mw’ibarabara.

« Imvo zituma abana baja mw’ibarabara ziratandukanye.Mu gihe bokurwayo bose bakajanwa mu miryango, mu gihe icabatumye kuja mw’ibarabara kikiriho, nta buhungiro boba baronse. »

Joseph Ndayisaba avuga kandi ko hakwiye gukorwa ivyigwa bikomeye mu ntumbero yo gufasha abana bo mw’ibarabara.

Ivyigwa vyakozwe bikaba vyerekana ko ibice 20% vy’abana bo mw’ibarabara batahukanwa mu miryango aribo bashobora kugumayo nayo abarenga 60% baca basubira mw’ibarabara.