Umugambwe wa Leonidas HATUNGIMANA wemeje ko uri mu CNARED

0

Abahoze ari abagumyabanga ba CNDD FDD birukanwe mu mugambwe, bari basanzwe biyise Abaryumyeko, ubu bakaba bashinze umugambwe wabo witwa PPD GIRIJAMBO bamenyesheje ko uwo mugambwe uri mu runani CNARED. Uwo mugambwe ukaba urongowe na Leonidas HATUNGIMANA yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mw’ikete yandikiye umukuru w’urunani CNARED, Leonidas HATUNGIMANA yamumenyesheje ko uwo mugambwe washinzwe kugira ushobore kwegeranya n’ugutunganya neza ibikorwa vya poritike vy’Abahoze ari Abagumyabanga ba CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

tuto

Uwo mugambwe ukamenyesha ko ukiri mu runani CNARED, kandi ko ushigikiye ivyiyumviro vy’urwo runani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Tubibutse ko akarangamutima k’uwo mugambwe ari : Igihugu ni ic’abarundi twese, kandi twese abarundi turi bene Burundi.

Nk’uko Leonidas HATUNGIMANA yabishikirije, uwo mugambwe washinzwe inyuma y’aho bibonekeye ko uko igihugu kirongowe, ingene abantu bigenza, umenga uwuri ku butegetsi niwe murundi wenyene, abatowe bagatunganya itunga ry’igihugu ku neza yabo n’imiryango yabo, aho uwutari kumwe n’ubutegetsi afatwa nk’uwutari umurundi. Mu mugambwe PPD GIRIJAMBO bakaba bazoharanira ko imigambi y’iterambere ry’igihugu ikorwa ku neza ya bose, umuntu wese asubizwe ijambo, umunyagihugu abeho atekaniwe atama yicura ko ejo azogirirwa nabi, abantu ntibabeho nk’utunyamaswa.