Umugambwe SAHWANYA FRODEBU ntiwashize mu ngiro ivyasabwe na CNARED

0

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU uvuga ko uzokwitaba ibiganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 12 Mukakaro 2016. Muri uwo mugambwe bavuga ko umuhuza atumiye imigambwe ihurikiye mu runani CNARED, n’urwo runani ruba rutumiye.

Iyo ngingo y’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yafashwe mu gihe urunani CNARED ruheruka kumenyesha ko rutararonswa ubutumire, kandi bitarekuwe ko imigambwe igize urwo runani yitaba ivyo biganiro ku gatwe kayo.

Kubwa Leonce NGENDAKUMANA arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU, azokwitaba ivyo biganiro bitegekanijwe i Arusha, akemeza ko urwo runani CNARED rwatumiwe. Nk’uko yabishikirije, hatumiwe imigambwe iri muri CNARED, n’urwo runani ruba rutumiwe.

width=

Leonce NGENDAKUMANA avuga ko muri ivyo biganiro, mu mugambwe arongoye bazoshira imbere iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha.

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU ushigikiye ko ivyo biganiro vyobandanya bibera hanze y’Uburundi, kubw’umutekano w’abazokwitaba.

Tubamenyeshe ko no mu mugambwe UPRONA, ishami rirongowe n’umushingamateka Karori NDITIJE, bamaze kumenyesha ko bazokwitaba ivyo biganiro vyatumweko n’umuhuza Benjamin William Mkapa.