“Inama nkenguzamateka niyo igenzura iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha”

0

Inama nkenguzamateka y’Uburundi imenyesha ko arirwo rwego rwonyene rufise ububasha bw’ugukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Arusha, nk’uko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ribivuga.

Mw’itangazo inama nkenguzamateka yasohoye kuri uwu wa mbere, bamenyesheje ko ata rwego rundi na rumwe canke ishirahamwe, birekuriwe kwiha uburenganzira bw’ugusuzuma ayo masezerano, kuko kwoba ari uguhonyanga ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, nk’uko vyashikirijwe muri iryo tangazo.

reve

Inama nkenguzamateka ibimenyesheje inyuma y’aho hari imigambwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amashengero, hamwe n’ibihugu bimwe bimwe bimaze iminsi bisaba ko hoba igenzurwa ry’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Arusha.

Tubibutse ko ibiganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe i Arusha kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 12 Mukakaro 2016 gushika kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro 2016. Reta y’Uburundi imenyesha ko yaronse ubutumire, kandi ko izokwitaba ivyo biganiro, ariko Reta ikavuga ko itarota yicarana n’abafise ivyo bagirizwa n’ubutungane, na cane cane abahurikiye mu runani CNARED rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

nyami

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira ajejwe gutumatumanako amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, avuga ko abari muri CNARED ariko bakaba bafise imigambwe barongoye yemewe n’amategeko aribo bonyene bazokwicarana na Reta y’Uburundi.

Tubamenyeshe kandi ko abaserukiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD muri ivyo biganiro ari Joseph Ntakirutimana icegera ca kabiri c’uwo mugambwe, Zenon Ndaruvukanye ari mu nama nkuru y’inararibonye, Benigne Rurahinda nawe mu rwego rw’abakenyererarugamba ba CNDD FDD akaba n’umupfasoni w’umuhisi General Adolphe NSHIMIRIMANA, hamwe na Daniel Gelase Ndabirabe, umuvugizi w’uwo mugambwe.