Umugambwe CNND-FDD Mu Myiyerekano Ikomeye Wiyamiriza Icegeranyo Ca ONU.

0

Ejo ku musi wa gatandatu itariki 15 Nyakanga 2017, umugambwe utwara igihugu c’Uburundi ariwo CNDD-FDD warateguye imyiyerekano ikomeye maze abari bayitavye na cane cane mu gisagara ca Bujumbura biyamiriza icegeranyo guheruka gusohorwa n’Abahinga ba ONU kiza kivuga ko Uburundi hakozwe ubwicanyi bw’agahomerabunwa(Crimes contre l’Humanité).

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari inyuma y’uwo mugambwe CNDD-FDD bava mu ntara zitandukanye z’igihugu barakoraraniye hamwe maze barakora iyo myiyeerekano ikomeye.Abategetsi bamwe nk’umukuru w’umugambwe CNFDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, bari bayitavye.

Bambaye impuzu zihayagiza umugabwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, bagenda bararimba indirimbo zihayagiza Pierre Nkurunziza.N’indirimbo zo gucokora abo batavuga rumwe mu vya Politike zaririmbwe.Ku vyandiko bari bafise muri iyo myiyerekano, hari handitseko amajambo yerekana amajambo yo kwiyamiriza imbonankubone icegeranyo c’Abahinga ba ONU ku Burundi.

Mw’ijambo Evariste Ndayishimiye yashikirije, uyo munyamabanga wa CNDD-FDD yaremeje ku mugaragaro ko ico cegeranyo ari ic’abanyaburaya na Amerika kugira bahungabanye Uburundi.Ku bwa Ndayishimiye, ico cegeranyo “nticodomye urutoke” abanywanyi ba CNDD ataco bazira, kuko “inkozi z’ikibi zirazwi”.

Yamenyeshejej ati: “ Ni abashatse gutembagaza ubutegetsi ubu bibereye mu buhungiro mu Rwanda no mu Bubiligi. Iyi myiyerekano ikozwe uyu musi ni nk’intango gusa yo guhangana n’abanyaburaya na Amerika, eka mbere namakungu”. Evariste Ndayishimuye akaba asaba ko ONU itokwemera ico cegaeranyo c’abahinga ba ONU.

Umugwi ujejwe kwubahiriza agateka ka zina munntu kwisi ukaba utegekanya gukorana kugira wihweze ivyico cegeranyo muri kuno kwezi kwa Nyaklanga.Mukamenya ko abo bahinga ba ONU bari bamenyesheje ko bamwe mu bategetsi b’Uburundi harimwo na bamwe mu batavuga rumwe na leta bakoze ubwicanyi bw’agahomerabunwa mu Burundi kuva Ndamukiza 2015, maze abo bahinga baca bagirako basaba ko abo baregwa muri ico cegeranyo CPI yoca ibarengutsa vyihuta bakisigura ku makosa yabo.