Ingingo Zitari Nke Zafashwe Mu Bijanye N’Indero Mu Burundi.

0

Umushikiranganji wPédagogie.u mashure matomato, ayisumbuye na kaminuza hamwe n’ubushakashatsi yarasohoye itangazo ku wa gatanu itariki 15 Nyakanga 2017 ririmwo ingingo zishasha ziheruka gufatwa n’ubwo bushikiranganji mu bijanye n’indero.

Juma Edouard, uwasomye iryo tangazo yamenyesheje ko amafaranga y’ishure azotangwa gusa n’abanyeshure bamaze kurangiza amashure shingiro( post-fondamantal), nayo akaba ari 15 000 FBU ku banyeshure biga mu ndaro, hama 7000 FBU ku banyeshure biga bataha.

Iryo tangazo rikaza rigabisha abayobozi b’amashure bazosaba amafaranga y’ishure ayandi mafaranga arenga kuri ayo. Juma Edouard akaba yamenyesheje ko amashure ya leta canke ayabigenga ategerezwa kwirinda kwambara uko abanyeshure bishakiye. Abandanya amenyesha ko amashure y’indaro agenewe gusa abanyeshure barungitswe mu bisata vy’ubuhinga nka Scientifique, Technologie na Pédagogie.

Juma Edouard kandi akaba yaramenyesheje ku vyerekeye ingingo zafashwe maze abayobozi b’amashure barakurwa kubera batitaho amasomero yabo. Iryo tangazo rikaba rije rigenewe cane cane abayobozi b’amashure ku rwego rw’intara, rwa Commune hamwe n’abayobozi b’amashure kugira ngo izo ngingo zice zitangura gushirwa mu ngiro.