Impunzi Zishika 30 z’Abarundi Zaraye Zishwe Muri Kongo.

0

Ejo ku musi wa gatanu itariki 15 nyakanga 2017 mu gihugu kibanyi ca Republika iharanaira demokrasi ya Kongo harabaye ugutana mu mitwe hagati y’igipolisi ca kongo hamwe n’impunzi ziba mu gace ka kambamyola hafi n’urubibe rw’Uburundi mu ntara ya Sud Kivu.

Nkuko amakuru yizewe yagiye ahabona, izo ntureka zikaba zatumwe nuko abajejwe igendereza muri Kongo bahagaritse abarundi batatu muri ako gace gasanzwe kabamwo Abarundi batashimye kuja mu nkambi y’impunzi nka Lusenda. Abo Barundi batatu bakaba bafashwe bariko bakora irondo mwijoro.

Umurundi umwe aba I kamamyola amenyesha ko ‘abarundi baho bari bafise amakuru ko hoba harinjiye imbonerakure ziva mu Burundi zikaza kubatera hama baca baripanga kugira baze kwugwanira maze baca barafatwa ko bagumutse’.Igipolisi ca Kongo hamwe n’abajejwe igendereza bakaba baciye babafata basanze bari bafise ivyo kwivuna.

Ivyo vyagiye kwunyuka nuko igipolisi gifatiye ingingo yo kwimurira abo batatu bari bafashwe mu gasho ka Sud Kivu, hama izo mpunzi zica zibaza ko boba bagomba ‘kurungika ku nguvu’ bagenzi babo I Bujumbura. Izo mpunzi zikaba zaciye zitangura guhangana n’abajejwe umutekano kugira ziyamirize irungikwa ryabo Barundi bari bafashwe.

Kubera abo Barundi bigwanira bakoresheje amabuye, abapolisi ba Kongo bakaba baciye bugurura umuriro barasa amasasu maze abatari bake barapfa abandi barakomereka. Gushika ubu hakaba haharurwa abashika 30 bahasize ubuzima n’abandi benshi bakomeretse.

Mu gitonfo co kuri uyu musi wa gatandatu naho haciye haza ikiburende c’intambara ca MONUSCO kugira gifashe mu gukinjura Abarundi kubera ako abakongomani bariko bakora imyerekano biyamiriza abarundi.Abo bakongomani bakaba bariko baririmba indirimbo z’urwanko ku barundi gushika yaho MONUSCO ihaseruka mu kuraba ko yokingira abo barundi. Ni inkuru ikibandanya itohozwa.