Umugambwe CNL watoye Rwasa Agathon azowuserukire mu matora

0

Umugambwe urongowe na Agathon Rwasa washize imbere nyene Agathon rwasa ngo azowuserukire mu matro ya 2020 mu kwezi twimirije kwa Rusama.

Umukeba wiwe ariwe Evariste Ndayishimiye yaciye avuga ko ico ari ikimenyetso ca Demokrasi yatsimbataye mu Burundi.

Agathon Rwasa, ari nawe yari yitezwe gushirwa imbere ngo azoserukire uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu, niwe yari yahamagaje ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe.

Rwasa akaba agiye ku rutonde rw’abandi bakeba batari bake bashaka guhigannirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Abihweza ibintu n’ibindi baravuga ko ari nka hamwe Rwasa Agathon yohiganwa na Evariste Ndayishimiye muri CNDD-FDD yohava atahukana intsinzi mu gihe amatora abaye mu muco wose.

Raba hano uko vyagenze kuri ano mafoto kuri iryo torwa rya Rwasa Agathon: