Umuririmvyi Kizito Mihigo yapfiriye mw’ibohero

0

Ivyo vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’igipolisi c’Urwanda, CP JB Kabera, kur’uyu wa mbere aho yasohora itangazo rimenyesha ko uwo muririmvyi w’indirimbo z’Imana yiyahuriye mw’ibohero aho yarapfungiwe haraheze imisi itatu.

Uwo muvugizi w’igipolisi c’Urwanda akavuga ko Kizito Mihigo yarafise imyaka 38 yashatse kw’ambuka m’Uburundi ataburenganzira abifitiye kandi akoresha n’ibiturire kugire bamureka aje mu gihugu c’Uburundi. Arongera kandi akavuga ko umuririmvyi Kizito Mihigo yasuhujwe n’umuryango wiwe ku maganekerezo ya 15 na 16 Ruhuhuma 2020 hamwe n’uwumuburanira. Ariko benshi kumbuga ngurukana bumenyi bagatangazwa nuko kwiyahura ari mu minwe ya police.

Kizito Mihigo akaba ataribwo bwambere afunzwe akaba yarafunzwe mu kwezi kwa kabiri 2015 igihe yasohora indirimbo ivuga kuri genocide y’abanyarwanda akaba yaciye yagirizwa kwifatanya n’abarwanya Leta y’Urwanda. Ubucamanza bw’Urwanda bukaba bwaciye b’umurekura ivy’agateganyo ariko bumutegeka kuguma kubutaka bw’Urwanda agasohoka asavye uruhusha umushikiranganji w’Ubutungane.