Umurwi CVR umenyesha kubandanya kurondera ibinogo vyatawemwo abantu

0

Ivyo Pierre Claver Ndayicariye, umukuru w’umurwi CVR, yabivuze kur’uyu wa gatanu aho yariko aratanga icegeranyo c’abantu bamaze gutorwa batawe mu binogo bishika 6 kuri 18 vyamenyekanye ku musozi Bukirasazi uri muri commune Shombo mu ntara ya Karusi. Uwo musozi ukaba uhana urubibe n’ikomine ya Giheta mu ntara ya Gitega hamwe n’inzuzi Ruvyironza na Ruvubu bihahurira.

Abantu bashika 6032 nibo CVR imaze gutora amagufa yabo, Pierre Claver Ndayicariye akaba yamenyesheje ko bashoboye kuvugana n’ababuze ababo baratanga n’intahe ingene abantu bajanwa aho hantu kwicwa mu magume y’umwaka wa 1972, igihe hagandagurwa n’Umwami wanyuma w’Uburundi, Ndizeye Charles yari yafashe izina rya Ntare wa 5.

Pierre Claver Ndayicariye akavuga kwivya vyatumye ababuze ababo baruhuka kumutima kuko bagiye guhambana iteka ababo babuze. Kukibazo naho ko ibinogo bitorwa kw’arivy’abantu b’ubwoko bumwe, Pierre Claver Ndayicariye amenyesha ko ibinogo birimwo abantu bishwe m’Uburundi birenga 4000 kandi ko ubwoko bwose bwahaboneye amakuba mu magume yo mu myaka ya 1972, 1973, 1988, 1993, 1994, 1995 ubandanya. Pierre Claver Ndayicariye agasaba ko atagufatira abantu ikivunga ngo nibo babikoze mu ntumbero yo gukingira urwaruka rucaruka.