Umugambwe CNDD FDD urahoza umuryango wa Hafsa Mossi

0

ITANGAZO NO 012/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 14 MUKAKARO 2016
Uguhoza umuryango w’umushingamateka wa Afrika y’Ubuseruko Hafsa MOSSI

1. Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe aho wumviye inkuru y’umubabaro y’igandagurwa ry’ umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka y’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko EALA, umupfasoni Hafsa MOSSI yagandaguwe n’abicanyi kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016 mu gitondo, muri Karitiye Mutanga Nord, kw’ibarabara Nyankoni muri Zone Gihosha muri Komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura ;

2. Umugambwe CNDD-FDD urateye ivyatsi abakoze ubwo bwicanyi, ukaba usavye ko inzego zibijejwe zokora amatohoza kugira abo bicanyi bafatwe, bashengezwe bongere bakubitwe intahe mu gahanga. Umugambwe CNDD-FDD urasavye Abarundi bose kudacika ivutu, bongere bagume bafatanye mu nda kanatsinda ugutsinda umubabaro, ukwigumya no kutihorahorana nivyo bishikana ku ntsinzi, ivyo navyo bikaba bitanezera na gatoya abansi bipfuza intambara no gusesa amaraso y’abana b’Uburundi;

pleu

3. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje umuryango w’Umushingamateka Hafsa Mossi, abo bakoranye bose kw’iradiyo nkuru y’igihugu, muri radiyo BBC, mu bushikiranganji bwo kumenyesha amakuru, mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’uburundi mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko, mu biro vy’umukuru w’igihugu no mu nama nshingamateka y’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, eka mbere n’abari mu muhari w’Abakeneyererarugamba bo mu mugambwe CNDD-FDD ;

4. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gukenguruka ibikorwa vyiza vyose Umushingamateka Hafsa MOSSI yakoze mu guharanira y’uko inyungu z’Uburundi mu muryango w ‘ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko zubahirizwa na cane cane muri ibi bihe bidasanzwe Uburundi buhitiyemwo ;

5. Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwirengagiza no kumenyesha ko Umushingamateka Hafsa MOSSI yari umupfasoni w’ijunja n’ijambo, yakoze yitanga atiziganya kugira Uburundi bushobore kwinjira nyezina mu Muryango EAC nabo Abenegihugu baharonkere akoyokwe. Yari mupfasoni arajwe ishinga no kubona Uburundi butera imbere ku rugero rumwe n’ibindi bihugu vyo muri uwo muryango ;

6. Umugambwe CNDD-FDD urangije rino tangazo ushimira Nyakwigendera Umushingamateka Hafsa MOSSI ku bintu vyose yaranguye mu guharanira amahoro n’iterambere ku gihugu. Aho ari niyakirwe neza kubera ivyo yaranguriye bagenzi biwe igihe yari akiri mw’Isi nivyo Imana izoherako mu kumuha ikibanza c’iteka kimukwiye mu bwami bw’ijuru.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 14 Mukakaro 2016

Umushingamateka Pascal NYABENDA,
Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.