Ivyavuye mu biganiro vyahuje Abarundi i Arusha

0

Imibonano hagati y’Abarundi yatunganijwe n’umwunganirizi w’umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, Benjamin William Mkapa yahoze atwara igihugu ca Tanzania, vyasozerewe kuri uwu wa kane, ariko tukabamenyesha ko ata tangazo ryo gusozera ivyo biganiro ryashikirijwe.

Kuri iyo ncuro igira kabiri bahuriye i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, abari mu biganiro bashize hamwe bumvikana ku rutonde rw’ingingo umunani rw’ibizoganirwako mu biganiro bizokurikira.

red

Izo ngingo umunani bashitseko akaba ari umutekano (guheza ubwicanyi bubera mu Burundi), ivyokorwa kugira amategeko yubahirizwe, ingene amasezerano ya Arusha yokwubahirizwa hamwe n’ukurabira hamwe ikibanza ahabwa, ibijanye n’intwaro rusangi hamwe n’ugukora poritike atawukumiriwe, ingene agateka ka zina muntu kokwubahirizwa mu Burundi, ingene hoshirwaho Reta ihurikiyemwo bose nk’uko vyasabwe n’abakuru b’ibihugu bo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, ibijanye ubutunzi bw’igihugu, hamwe n’imigenderanire Uburundi bufitaniye n’ibindi bihugu n’abagira neza.