Ubutegetsi bw’i Bujumbura bubandanya kwagiriza Urwanda

0

Ubutegetsi bw’i Bujumbura busaba amakungu ko yogondoza igihugu c’Urwanda kireke kwivanga mw’itunganywa ry’Uburundi. Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yabimenyesheje mu nama aheruka kugirana n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Muri iyo nama, umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yibukije ko Reta y’Uburundi idashimishwa n’inyifato y’igihugu c’Urwanda cagirizwa ko kigirisha imyimenyerezo ya gisirikare abahungabanya umutekano mu Burundi, Urwanda rukagirizwa kandi ko arirwo rubaha n’ibirwanisho. N’aho biri ukwo, Alain Aimé NYAMITWE avuga ko ata kibazo na kimwe kiri hagati y’Abarundi n’Abanyarwanda, ahubwo ko ikibazo kiri hagati y’ama Reta y’Uburundi n’Urwanda.

Umushikiranganji Alain-Aimé Nyamitwe amenyesha ko Uburundi bufise ivyagiriji bikwiye, kandi ko n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Rwanda avyemeza, naho ubutegetsi bw’Urwanda bubandanya kuvyiyamiriza.

preu

Tubibutse ko abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu baheruka kumenyesha ko bafise ivyemeza ko Reta y’Urwanda ifise uruhara mu mabi amaze imisi akorerwa mu Burundi. Muvyo Amerika yagirije Urwanda, hari ugutanga inkoho n’imyimenyerezo ku mpunzi z’abarundi zahungiye muri ico gihugu.

Abo bategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu bemeza ko inkuru bafise bahawe na bagenzi babo bakorera mu makambi y’impunzi mu Rwanda, zivuga ko Urwanda rufise uruhara mu ntureka zibera mu Burundi.

Abo bategetsi bavuga kandi ko bafise inkuru ko impunzi z’Abarundi, harimwo n’abana, baronswa imyimenyerezo mu makambi ya gisirikare c’Urwanda, kandi ko bamaze gutana mu mitwe na Reta y’Uburundi hakoreshejwe inkoho.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yarahakanye ivyo Urwanda rwagirizwa, avuga ko mu bisanzwe akarere gatekanye, amahoro adakwiye ahari muri iki gihe ariko aterwa na poritike y’Uburundi yatumye haba ibibazo, mu nyuma bikagira ingaruka no ku bihugu bibanyi.

Mu kiganiro yagiranye n’abakenguzamateka b’Urwanda, umushikiranganji Louise Mushikiwabo yagize ati : « Natanga urugero ku Burundi, aho politiki y’igihugu yazanye ibibazo byarenze imipaka y’u Burundi bikagera ku bindi bihugu cyane nk’u Rwanda, kuko ntabwo turi abaturanyi gusa ahubwo ni ibihugu bisangiye byinshi, kuko nk’iyo umunyarwanda ari mu Burundi cyangwa se bari hano ntabwo wapfa kubatandukanya, ku buryo iyo bagize ibibazo natwe bitugiraho ingaruka. »

Umushikiranganji Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko ibibazo vyatewe na poritike y’abayobozi b’Uburundi bitegerezwa gutorerwa inyishu, kugira amahoro yongere agaruke mu karere.
Kubwa Mushikiwabo, kugira ikibazo c’Uburundi gitorerwe inyishu, bisaba ko inzego zose zishira inguvu hamwe mu kurondera umuti.