Big Fizzo yoba agiye kugaruka mu Burundi gukora iki?

0

Nyuma y’iminsi mike umuririmvyi w’umurundi Big Fizzo agarutse mu Burundi ariko akahamara iminsi ibiri gusa akaca asubira mu gihugu c’urwanda,uyo muririmvyi yemeza ko agiye kugaruka kandi mu burundi vuba cane
fizzo
Nyuma rero yo kwumva ko uyo muririmvyi agiye kugaruka mu burundi twarakoze ibishoboka vyose kugira tumenye ikigiye kumugarukanan’umunsi azozirako,niho kwegera abantu bari hafi cane yuyo muririmvyi niho batubwiye ko Big Fizzo agiye kugaruka vuba mu kiringo kitarenze ukwezi kumwe kandi ko azoba aje gukora igiteramo kuko ngo yarabonye yuko abantu bari bamurindiriye ari benshi kandi ko inyota itaheze ninaco gituma ategerezwa kugaruka kubateramisha kandi ,tubajije umunsi azozirako,bakavuga ati:ntitwovuga umunsi ngaha ariko ico twobamenyesha coco ni vuba

Tworangiza tubamenyesha ko Big Fizzo aheruka gushira ahabona indirimbo nshasha yitwa My Baby