Bimaze kuvuga ko wahagaritse umuziki ari ububeshi

0

Umuririmvyi ahurikiye mu mugwi Best Life Music ariwe Dany Lo yihindukije kuvyo yari yaraye avuze ko ahevye umwuga wiwe w’umuziki avuga ko atazokwigera ahagarika umuziki kandi ko Best Life Music atazokwigera awuvamwo ibintu vyatangaje benshi cane,aho bose bibajije ibibazo vyinshi ariko baburiye inyishu
dany lo
Nkuko yabivuze mu guhagarika umuziki nubu niko yabivuze mu kuvuga ko atazohagarika umuziki,yabicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook aho yavuze ati:

10 ans déjà… On fonde une famille pas une amitié.. Suis désolé pour les coeurs qui furent touché par ma publication.Je reste Best Life Music et la musique coule encore dans mes veines…Pour des raisons personnel ma plume a fait défaut mais la nuit conseille mieu que tout..On sera BLM
Mu kirundi bivuga biti:Imyaka 10 irashize.. tugize umuryango umwe atari ubugenzi .. ndasavye imbabazi ku mitima yose yakozweko nivyo nari nanditse .nguma ndi mu mugwi best life Music kandi umuziki untemba mu maraso..
Ayo akaba ariyo majambo uyo muririmvyi Dany Lo yashoboye gushikiriza

Ikibazo rero ikinyamakuru canyu ubmnews cibaza,kuberiki dany yakoze ibi?mbega ushaka ko izina ryawev riduga cane uvuga ko uhevye umuziki?