Ubutegetsi bwa NKURUNZIZA bwemeye kuganira na CNARED

0

Amakuru ava mu butegetsi bw’Uburundi hamwe n’umuhuza William Benjamin Mkapa avuga ko ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo bigiye gutangura kw’igenekerezo rya 2 Rusama 2016, bibere i Arusha, birongowe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzaniya Benjamin William Mkapa, aheruka gutorwa n’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko kugira abe ariwe ahagararira ivyo biganiro.

Imbere y’uko ayo makuru y’itanguzwa ry’ibiganiro avugwa, umuhuza Benjamin William Mkapa yarabonanye n’abakuru b’ibihugu vyose vya Afrika y’Ubuseruko, akaba yabasanze mu bihugu vyabo, aho mbere yanabonanye n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA i Bujumbura.

musan

Uwo muhuza yarabonanye kandi na Thomas Perriello, intumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello nawe akaba yaheruka imbere y’aho kubonana n’intumwa z’urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

perie

Ku kibazo c’ukumenya namba abagize urwo runani CNARED bazotumirwa muri ivyo biganiro, Minani Jeremie umuvugizi wa CNARED amenyesha ko nabo nyene bamaze kumenya ko ibiganiro bigiye gusubira gutanguzwa, ariko ko ubutumire butarabashikira. Ku ruhande rw’umuhuza, amakuru dufise n’uko ubutumire bugiye kurungikirwa vuba cane impande zose zizokwitaba ivyo biganiro, bikavugwa ko abagize CNARED bazoba nabo batumiwe.

Tubamenyeshe ko uko biri mu nteguro, ivyo biganiro bigiye kubera i Arusha bizotangura kw’igenekerezo rya 2 Rusama gushika kurya 5 Rusama 2016.