Leta ya Tanzania igiye gukorera ikintu kidasanzwe impunzi z’abarundi

0

Impunzi z’abarundi bahungiye muri Tanzaniya muri Rusama 2015 bagiye guhabwa ubwenegihugu inyuma yaho bahunze ubwicanyi bwariko burakoregwa mu gihugu c’uburundi.

refugee

Leta ya Tanzaniya yoba yamaze kuraba neza impunzi zikwiriye guhabwa ibikenewe biranga umwenegihugu.

Iki gikogwa kikaba kizotangura mu mpera z’uyu mwaka wa 2016 aho impunzi yose izoza ihabwa ibintu bihabwa umunyagihugu wa Tanzaniya.

Hamad Yusufu Masauni, umushikiranganji w’ibikwora vya leta ,yavuze ko Leta ya Tanzaniya iriko irakorana vya hafi na hafi na UNHCR kugirango hamenyekane bitagoranye abakwiye guhabwa ubwo bwenegihugu.

Ivyo yabivuze igihe yari mu gisagara ca Dar es salaam aho yemejeko uyo mugambi ugiye kuja mu bikogwa vuba cane.

Yavuze ati: “ni umugambi twatanguye gutegura wo guha ivyangombwa impunzi z’abarundi ziba mu gihugu bizwi n’amategeko kandi bitegerezwa kuba muri uyu mwaka.”