Gihanga : Umwana w’imyaka cumi yakubiswe gushika aho apfa

0

Umugore yakubise umwana wiwe w’umuhungu w’imyaka 10 gushika aho yitaba Imana. Ivyo vyabaye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Hari ku murwa mukuru wa komine Gihanga, uwo mugore akaba apfungiwe mu gasho ka komine Gihanga, akaba yahoye uwo mwana ko yari yamwivye amafaranga.

Umutekano warahungabanye kandi muri zone Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, aho umunyagihugu azwi kw’izina rya Vedaste HAVYARIMANA batazira “Beda” yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Yarasiwe kw’ibarabara rya 5 mu Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo musore yagandaguwe mu gihe yari ashitse ku rugo rubamwo umuntu yari agiye kuramutsa. Abanyagihugu babonye uko vyagenze bavuga ko abantu bane barimwo umwe afise inkoho basanze Vedaste HAVYARIMANA aho yari yagiye kuramukanya, bategeka uwo bari kumwe kwinjira mu cumba n’umwana wiwe.

Abo bantu baciye barasa uwo musore amasasu ane bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, akaba yacikanye ageze kwa muganga.

Vedaste HAVYARIMANA yavuka mu ntara ya Mwaro, muri komine Rusaka.