Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwahawe amezi atatu

0

Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwahawe ikiringo c’amezi 3 kugira bube bwasubije mu buryo ivyononekaye mu kibanza kiri muri zone Buterere, ahayugururirwa amazi y’ubucafu yo mu gisagara ca Bujumbura.

Ico kiringo catanzwe na General Major Silas NTIGURIRWA, umunyamabanga w’inama nkuru y’umutekano, akaba yamenyesheje kandi ko hari n’inyubakwa ziri muri ico kibanza zizobomorwa.

Mw’itangazo yasohoye, General Major Sila NTIGURIRWA yagize ati :

“Inama nkuru ijejwe umutekano w’Uburundi yasavye ko ababijejwe bose bofasha kubungabunga amazi meza Uburundi bufise, hamwe n’ukurinda ibinyabuzima biba muri ayo mazi. Ni muri iyo ntumbero inama nkuru ijejwe umutakano w’Uburundi yasavye ubushikiranganji bujejwe ibidukikije, ko ikibanza co muri zone ya Buterere gisanzwe kiyungurura amazi y’imicafu ava mu gisagara ca Bujumbura, ko ubwo bushikiranganji bwoba bwasubijwe mu buryo ivyononekaye vyose muri ico kibanza, mu kiringo kitarenga amezi atatu.”

Muri iryo tangazo, General Major Silas NTIGURIRWA arongoye inama nkuru y’umutekano yashikirije ko n’amazu yose yubatswe muri ico kibanza co mu Buterere ategerezwa kuba yabomowe mu kiringo gito cane.