Inama nkuru y’umutekano w’Uburundi iriyamiriza ivyakorewe Abarundi bahora baba mu Rwanda

0

Inama nkuru y’umutekano w’Uburundi iriyamiriza ivyakorewe Abarundi bahora baba mu gihugu c’Urwanda, aho birukanwe, mbere bamwe muribo basiga muri ico gihugu ivyo bari batunze, abandi batandukana n’abana hamwe n’abo bari bubakanye bafise ubwenegihugu bw’Urwanda. Inama nkuru y’umutekano w’Uburundi ivuga ko ivyo vyakorewe Abarundi bitandukanye cane n’amasezerano mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu.

General Major Silas NTIGURIRWA, umunyamabanga mukuru w’inama nkuru y’umutekano w’Uburundi avuga ko n’imvugo zimaze iminsi zishikirizwa n’abategetsi b’Urwanda atari nziza, akiyamiriza kandi n’iyirukanwa ry’Abarundi bahora baba mu Rwanda. General Major Silas NTIGURIRWA ashikiriza ati : “Inama nkuru ijejwe umutekano iriyamirije iyo nyifato itubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga imbibe z’igihugu hamwe n’ayagenga agateka ka zina muntu.”

Inama nkuru ijejwe umutekano w’Uburundi irahumuriza Abarundi bose, ikabasaba ko botekana.