Bubanza : Abantu bitwaje inkoho barasanye n’abajejwe umutekano

0

Amasasu menshi yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana ku kirindiro c’abasirikare kiri ku mutumba Buringa, muri komine Gihanga, intara ya Bubanza, hafi y’ishamba cimeza rya Rukoko.

Abanyagihugu bo ku mutumba wa Buringa bavuga ko ayo masasu yatanguye kwumvikanira ku ruhande rwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu nyuma bumva abasirikare bo ku kirindiro c’i Buringa nabo batanguye kurasa basubizana n’abo bantu bari bamaze kwegera, ivyatumye bamwe muri abo banyagihugu bata izabo.

OPC1 Damien NIZIGIYIMANA, arongoye igiporisi mu ntara ya Bubanza aremeza ayo makuru y’ico gitero, akavuga ko ari abasuma bitwaje ibirwanisho barasanye n’abasirikare bo ku kirindiro c’i Buringa, uwo arongoye igiporisi akemeza ko atacononekaye ku mpande zose.

Abanyagihugu b’aho i Buringa basaba ko umutekano wokwongerezwa, kuko ritabaye irya mbere abitwaje ibirwanisho barasanye n’abajejwe umutekano.

Tubibutse ko ubuyobozi bw’intara ya Bubanza bwafashe ingingo ko umuntu wese azoba ashaka kwinjira mw’ishamba cimeza rya Rukoko azobanza kuba yabisabiye uruhusha.

Abakunda kuja muri iryo shamba ni abanyagihugu barangurirayo imirimo itandukanye yaba uburimyi, ubworozi, abaja gucanayo amakara, abasenyayo inkwi n’ibindi. Bose babwiwe ko uwuzofatirwayo atabisabiye uruhusha azohanwa bikomeye.

Mu nama y’umutekano yaheruka kugirisha, Buramatari w’intara ya Bubanza yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe ku mvo z’umutekano, inyuma y’aho bibonekeye ko hari imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, mu nyuma mu gusubira inyuma bagaca muri iryo shamba cimeza rya Rukoko.

Muri iyo nama, abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company bararira ibikaju biri mw’ishamba cimeza rya Rukoko bagirijwe ko boba bakingira ikibaba abo bantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, kuko boba binyegeza muri iyo mirima, abo banyezamu ntibabivuge. Abo bakozi bakagirizwa kandi ko boba bakorana n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho iva muri Congo ije guhungabanya umutekano mu Burundi.