Uburundi ntibwatumiwe mu myimenyerezo ya gisirikare ihuza EAC, USA na UE iriko ibera mu Rwanda.

0

Kuva ku musi wa kabiri itariki 14 Myandagaro 2018, hari imyimenyerezo ya gisirikare iriko ibera mu gihugu c’Urwanda ihuza ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubumwe bwa Buraya.

Ku bwa Xinhua, iyo myimenyerezo yataziriwe ngo “Accord partagé”, iriko ibera mu bumanuko bw’igihugu c’Urwanda muri academie Militaire ya Rwanda-Gako.

Intumbero y’iyo myimenyerezo ikaba ari iyo kuryohora ubushobozi bw’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko kugira bibe vyiteguriye guhangana n’ingeramizi zigeramiye akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Iyo myimenyenyerezo ya gisirikare ikaba yitabwe n’ingabo za Botswana, Gabon, Ubudagi, Malawi, Maroc, Senegal, Hollande, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, RDC, Zambia hamwe n’Urwanda.

Igihugu c’Uburundi kikaba kidafisemwo ingabo muri iyo myimenyerezo ya gisirikare yatanguye kuva ku wa 14 gushika ku wa 29 Myandagaro 2018. Ubwo Uburundi kubona butatumiwe ntihoba harimwo ikumirwa rikabandaya mu makungu ku Burundi?