Rumonge : Ikiziga catowe mu kiyaga Tanganyika

0

Hari ikiziga c’umugabo catowe kuri uwu wa kane kireremba ku kiyaga Tanganyika, ku mutumba wa Kivuka, intara ya Rumonge.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara bamenyesha ko uwo mugabo atashoboye kumenyekana, abo bajejwe intwaro bakaba baciye bafata ingingo y’uguhambisha uwo muntu, kuko ico kiziga ciwe cari catanguye kwononekara, bagatinya ko cosanguka.