Imyaka 30 iraheze abantu barenga ibihumbi 100 bagandaguwe muri Ntega na Marangara

0

Imyaka 30 niyo yakwiye kuri uwu wa kane hakozwe ubwicanyi muri komine za Ntega na Marangara ziri mu ntara za Kirundo na Ngozi. Mw’ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu hamwe n’imiryango y’ababuze muri ubwo bwicanyi avuga ko bibabaje kubona ubutegetsi bwagiye kurakurikirana kuva mu mwaka w’1988 butigeze bwerekana ugushaka kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane, kandi bahanwe.

Kubwa Dieudonné MURENGERANTWARI arongoye iryo shirahamwe, amatohoza adakozwe, biragora ingene imiryango yomenya abo yitwarira mu butungane.

Muri iryo shirahamwe bizera ko umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi uzotanga umuco ku catumye abanyagihugu babura ababo, kugira ababuze bashumbushwe, abandi basubizwe mu gateka k’ababuze.

Ubwo bwicanyi bwa Ntega na Marangara bwakozwe kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro 1988, bukaba bwahitanye abantu barenga ibihumbi ijana, nk’uko vyemezwa na Dieudonné MURENGERANTWARI arongoye ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu hamwe n’imiryango y’ababuze.

Mu murwi w’igihugu ujejwe kurwanya ihonyabwoko hamwe n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu basaba ko umurwi w’igihugu CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi wokora amatohoza kugira abakoze ubwo bwicanyi bahanwe. Jean de Dieu MUTABAZI arongoye uwo murwi w’igihugu ujejwe kurwanya ihonyabwoko avuga ko ayo matohoza akozwe ariyo yotuma umuntu wese yumva ko afise agaciro, n’abandi bose bakumva ko bategerezwa kwubahiriza agateka ka zina muntu.