Uburundi bwafashe ingingo zibiri zikomeye kuri ONU

0

Uburundi bwamenyesheje kuri uwu wa kabiri ko buhagaritse imigenderanire bwari bufitaniye n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi. Iyo ngingo bivuye ku cegeranyo c’abahinga b’iryo shirahamwe giherutse gusohoka. Ico cegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.

Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bushobora n’ugukurwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga bakoze ico cegeranyo bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, abagirizwa amabi yakozwe bashengezwe.

haut

Abo bahinga ba ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu iheruka kwemeza ingingo ishiraho umurwi w’amatohoza ku Burundi.

Mw’itangazo ryasohowe na Reta y’Uburundi, rigashikirizwa n’umuvugizi wayo Firipo Nzobonariba, bavuga ko iyo ngingo yafashwe kubera abahinga bagize ico cegeranyo babesheye abategetsi b’Uburundi. Reta y’Uburundi yaciye ifata ingingo y’uguhagarika imigenderanire yose n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu. Abahinga ba ONU nabo bakoze ico cegeranyo bakaba bafatiwe ingingo y’ukutazosubira guhonyoza ikirenge mu Burundi (Persona non grata).

pat

Abo bahinga batakirekuriwe kuza mu Burundi ni Sahli Fadel Maya, Christof Heyns, hamwe na Pablo de Grief, akaba aribo bateguye icegeranyo c’agateka ka zina muntu mu Burundi. Reta y’Uburundi yagirije abo bahinga ko batumvirije inzego zitandukanye za Reta, kandi ko n’ivyagirijwe Reta y’Uburundi bidafise ishingiro. Uburundi bwagiriza abo bahinga kandi ko bakoreye kuvyashikirijwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.