Sat-B bamusanzemwo ingwara ya Cancer

0

Umuririmvyi w’umurundi Bizimana Aboubackar Karoum bamutoye ingwara ya cancer nkuko amakuru dukesha uyo muririmvyi Bizimana Aboubackar Karoum mu kiganiro yaduhaye
sat-b
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Sat b akaba yanditse ibi bikurikira:

Ego koko iyi ni yo si twakuze abavyeyi batubwira. Bimwe biraza ibindi bikagenda Niyo mpamvu iyo uryamye wishimye tekereza kuvyuka uvuga uti “ntaco nkeneye kuri iyisi ”

Sinarinzi ko norwaye cancer ku myaka yanje ariko nsavye munsangere bene wacu nabaye hafi bakaba babizirikana n umwanya wamasengesho yanyu murakoze ,

maman urabizi ndagukunda niyo ndi ni kugira hiyo bigende neza hari hageze ko ndakwitaho nkimfura yawe kuko washaje mbabajwe n uko hazogra nkasubira kubagora Kandi nkumwana 😢😢

Nyuma yo kubona ibi,ikinyamakuru cacu ubmnews cavuganye nawe,Sat -b akaba yatubwiye yuko arivyo basanze agwaye ingwara ya cancer

Tworangiza tubamenyesha ko ku munsi w’ejo tuzobumvisha ikiganiro twagiranye na Sat-b