Uburundi Burashaka kugura ibigwanisho bikomeye mu Burusiya.

0

Mu makuru ashirwa ahabona n’ibinyamkuru vyo mu Burusiya, amenyesha ko igihugu c’Uburundi gifise umugambi wo kugura mwene vya bigwanisho vyo ku rwego rwo hejuru bifasha mu bijanye no gukorora indege no kwirinda ama missiles, arivyo “”Pantsir-S1” bigurirwa mu gihugu c’Uburusiya.

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Uburundi wo kwivuna abansi, Emmanuel Ntahomvukiye, ko Uburundi bwipfuza kugura mwene vya bigwanisho kandi bikorora indege biva mu Burusiya( Russian anti-aircraft missile and gun system “Pantsir-C1).

Ibinyamakuru vy’aho mu Burusiya RT one na RIA Novosti vyamenyesheje ayo amakuru aho vyasubiyemwo amajambo Emmanuel Ntahomvukiye yavuze ati: ” Nahimbawe cane nivyo nabonye, nabwiwe vyinshi ku bijanye n’ibi bigwanisho,birakomeye caane…igihugu canje[Uburundi] cohimbarwa no kubigura”, niko Ntahomvukiye yabwiye abo banyamakuru mu Burusiya.

Emmanuel NTAHOMVUKIYE akaba yari yagiye mu Burusiya mu nama y’ivya gisirikare ya 2018 aho mu Burusiya. Kuri uyo musi nyene, ibihugu vy’Uburundi n’Uburusiya bikaba vyarasinye amasezerano yo gukorera hamwe mu vya gisirikare, ibizofasha ivyo bihugu mu bijanye no kubungabunga amahoro.