Impari hagati ya UE n’Uburundi ku bijanye n’Abarundi banse gutahuka mu Burundi bava mu Buswise.

0

Inyuma y’aho Abarundi bari bagiye mu gihugu c’Ubuswisi mu bijanye n’akaranga na cane cane abavuzi b’ingoma bahisemwo guhunga ntibasubire mu Burundi, Leta y’Uburundi yari yaciye isohora itangazo ryo kwiyamiriza ivyo vyabaye mu kuvuga ko bicafuza isura y’Uburundi mu makungu.

Phillipe Nzobonariba, umuvugizi wa leta akaba yamenyesheje ko ari ‘ingendo ya leta y’Ububiligi yo kubandanya icafuza igihugu c’Uburundi mu guha ubuhungiro abo barundi banse gutahuka mu gihugu c’Uburundi’.

Ariko rero, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikaba ryamenyesheje ko ryatangajwe n’iyo mvugo ya leta y’Uburundi yo kwegeka ikosa ku gihugu c’Ububiligi ko cagize uruhara mu gutuma abo barundi badatahuka.

Mw’itangazo Ubumwe bwa Buraya bwasohoye, ibihugu cane cane vya Belgique, Ubufaransa na Hollande vyagize ico bivuga kuri iryo tangazo. Ishirahame ry’Ubumwe bwa Buraya rikaba ramenyesheje ko ‘ritobazwa ibijanye no gutanga ama visas kuri abo Barundi bahisemwo kudatahuka mu Burundi nk’uko Leta y’i Bujumbura yabimenyesheje.

Ico gishikiragihe cabaye kije inyuma y’aho imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya itari myiza.