Karusi : Umwana yapfuye aciye igihimba c’irondoka

0

Umwana w’imyaka 11 azwi kw’izina rya NSENGIYUMVA Eric yahora aba ku musozi Kayange, komine Buhiga, intara ya Karusi yitavye Imana kuri uwu wa gatanu inyuma y’ugukubitwa mu mutwe hakoreshejwe ibuye.

Uwo mwana yishwe n’umugabo azwi kw’izina rya NTIRAMPEBA Cyriaque yamusanze mw’ishamba aho uwo mwana yari yagiye gusenya inkwi.

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko uwo mugabo atakubise gusa uwo mwana, ahubwo ko yamuciye n’igihimba c’irondoka, akoresheje imbugita.

Ikiziga c’uwo mwana caciye kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vya Buhiga, uwo mugabo nawe yamwishe akaba ari mu gasho, mu matohoza y’ukumenya igituma yakoze iryo bara.