Monday, September 26, 2022
HomeNewsUbumwe bwa Buraya burashima intambwe CENI igezeko mu gutegura amatora

Ubumwe bwa Buraya burashima intambwe CENI igezeko mu gutegura amatora

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw Buraya ryarashize itangazo ahabona ku wa 4 Ruhuhuma 2020 aho ryamenyesheje ko ryishimiye kuba umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI ugejeje intambwe.

Nk’uko iryo tangazo ry’Ubumwe bwa Buraya ribishira ahabona, iryo shirahamwe rikaba risaba ko Uburundi bwokora amatora meza kandi ahurikiyemwo bose kugira ngo Uburundi bubandanye bwizewe mu makungu.

Naho Uburundi bwimirije gutegura amatora yo muri Rusama 2020, bamwe bamwe mu batavuga rumwe bakiri hanze y’igihugu n’ubu ntibabona kumwe ico kibazo kuko nubu babandanya batacizeye umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI.

Ingingo y’Ubumwe bwa Buraya ikaba ishobora gushavuza abatari bake mu batavuga rumwe na leta ya Gitega kubera ko kumbure batari bizigiye ko UE itoshigikira leta y’i Gitega.

Raba hano itangazo ryashizwe ahabona n’Ishirahmwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...