Muyinga: Abantu indwi bishwe bakubiswe n’inkuba

0

Amakuru ava mu bushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abantu indwi bo mu muryango umwe bapfuye bakubiswe n’inkuba mu ntara ya Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi.

Ubushikiranganji bw’umutekano bukamnyesha ko vyabaye ejo mwijoro ku wa 3 Ruhuhuna 2020 ku musozi wa Nyarunazi aho umuryango wa Hicuburundi na Savera wakubitwa n’inkuba.

Abana babo aribo Nduwayo, Jeanine, Raissa, Lionnel na Charles hamwe n’abavyeyi babo bakubiswe n’inkuba bose maze baca barapfa ubwo nyene, nk’uko Ubushikiranganji bubishira ahabona.

Bikavurwa ko akana kamwe gusa muri uwo muryango ariko karokotse iyo sanganya nako kakaba kitwa Maurice maza kakaba kaciye kajanwa kwa muganga bakavure kubera ko yahiye bidasanzwe.

Ivyakurikiye n’uko kandi inzu yabo bari barimwo yaciye iturirwa niyo nkuba maze ihitana abantu indwi bose hamwe mu muryango umwe harokoka akana kamwe, nk’uko Pierre Nkurikiye yabishize ahabona.

Raba ifoto imwe yashizwe ahabona na Radio Isanganiro(irateye ubwoba gato):