Somalia: Abasirikare bane b’Abarundi boba baguye mu gitero ca Al Shabaab

0

Umurwi w’iterabwoba Al Shabaab umenyesha ko wakoze igitero ejo ku wa kabiri itariki 4 Ruhuhuma 2020 ku ngabo za AMISOM Somalia. Uwo mugwi ukamenysha ko ico gitero cahitanye Abasirikare b’Abarundi bane.

Ayo makuru yo kwicwa kw’abasirikare b’Abarundi bane akaba ataremezwa yaba na Amisom Somalia canke igisirikare c’Uburundi.

Ikinyamkuru kimwe kiremeza amakuru ashirwa ahabona n’ikigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe gukinga ibitero vy’abihevyi( “Terrorism Research & Analysis Consortium”) cemeza ko ico gitero ca Al Shabaab cabaye kandi ko abasirikare bane b’Abarundi bahasize ubuzima.

Umurwi w’abihevyi Al Shabaab wama wakoze ibitero ku mirwi y’abasirikare bari muri Somalia kubungabunga amahoro muri ico gihugu.

Ivyegeranyo bimwe bimwe bikaba bimaze gushira ahabona ko abasirikare b’Abarundi bo muri Amisom aribo babangamiwe cane kubera ko leta y’i Gitega itabaha ibikoresho bikwiye vyo kwikingira ibitero vya Al Shabaab.

Mwomenya ko leta y’Uburundi ataco iravuga kuri ivyo vyagiriji abahinga bamwe bamwe bayagiriza vyo kudaha ibikoresho bikwiye abasirikare ba AMISOM b’Abarundi.