Tanzania n’Uburundi bisabwa gusinya amasezerano ya EAC mu vy’amatagisi.

0

Umugwi wo mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko EAC ujejwe ivy’Ubudandaji(East African Business Council) wasavye ibihugu vya Tanzania n’Uburundi gusinya ku mahinduka y’ibijanye n’amatagisi muri EAC(East Africa Community Multilateral Tax Treaty) kugira habone kuboneka akarusho mu butunzi bw’ibihugu bitandatu bigize EAC arivyo Burundi, Tanzania, Urwanda, Sudani y’Epfo, Kenya na Uganda.

Umuhanuzi mu vy’Ubudandaji muri EAC ariwe Adrian Njau yamenyesheje ko uko ibihugu vy’Uburundi na Tanzania biteba gusinya ayo masezerano bisobanura ko ubudandanji muri EAC n’abakozi bikora mu buryo bwo kuriha amatagisi incuro zibiri mu bihugu vya EAC.

Adrian Njau akaba yamenyesheje ko ivyo bituma haba iteba canke ukwikwega mu bihugu vy’akarerere ka EAC. “Amasezerano yasinywe kugira habe ugukorera hamwe no gushira hamwe mu bihugu vya EAC”, niko yamenyesheje.

Ibihugu vya Kenya, Urwanda na Uganda biramaze gusinya kuri ayo masezerano yashizweho mu mwaka wa 2020. ” Turizeye kuzokwumvisha ibihugu bibiri(Burundi na Tanzania) kugira bishobore gusinya ayo masezerano….”,niko East African Business Council imenyesha.