Prezida wa kongo Brazzavile Denis Sassou-Nguesso yemeza ko agiye guhuza Tshisekedi na paul Kagame kugira habonete umuti urama ku ntambara ziri muri DRC narirya asanzwe afitaniye imigenderanire myiza n’ibi bihugu 2.
Denis Sassou-Nguesso ati ibihano ntanarimwe bikemura amatati kiretse kuganira.

Mu kiganiro cihariye ku mboneshakure ya France 24,Prezida Sassou Nguesso wa Kongo Brazzaville yaraye amenyesheje ko intambara iri muri RDC ishobora gufata akarere kose mu gihe hatoba ibiganiro mu berwa bose n’iki kibazo.
Sassou Nguesso akavuga ko yavuganye kenshi gashoboka na bagenzi be Felix Tshisekedi na Paul Kagame basanzwe bose bafitaniye imigenderanire myiza ba kongo Brazaville ukuntu ibi bibazo vyohera mu karere.
Kubwa Denis Sassou Nguesso,umuti wonyene ushoboko ni kuganira nayo abashira imbere ibihano,Sassou Nguesso avuga ko ibihano ata narimwe bikemura ikibazo
Denis Sassou Nguesso avuga ko agiye kuraba uko Prezida Tshisekedi na Paul Kagame bohurira hamwe kugira batore umuti kubibazo biri mubuseruko bwa RDC.
Intambara ya kongo n’umuhari m23 ikomeje kurandagata aho Umuhari m23 ukomeje gufata ibice bikomakomeye vy’igihugu hakaba hakenewe ibiganiro bidakumira kuberwa n’amatati bose kugira haboneke umuti urama muri RDC ndetse no mu karere.





Recent Comments