UBM News ads

Paul Kagame hamwe na Museveni Ibintu vyakomeye ! Baravye nabi barashobora Gupfungwa ” soma hano umenye ukuri !

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nturengane udasomye kugira umenye ukuri “ Intambara yo muri Congo ( DRC ) ifise kahise karekare , bisabwa umwanya muremure kubivuga ariko uyu munsi ndaza kubabwira ibikenewe kugirango mwese mutahure
Mu mwaka 1959 , Mutara III Rudahigwa ariwe mwami wanyuma w’umututsi yayoboye Urwanda yarishwe, inyuma yiyicwa ryiwe, Urwanda rwisanze mu ntambara aho abahutu barenga ibice 80% ico gihe bateye abatutsi, bityo abatutsi bamwe bavuye mu Rwanda bahitamwo guhungira muri Congo basangayo ( abanyamulenge) b’abatutsi bari basanzwe babayo ariko bimvukira zaho muri Congo.

Mu Mwaka 1962 , U Rwanda rwarikukiye hanyuma Gregoire Kayibanda aba President, bwari Ubwa mbere abahutu bafashe ubutegetsi, inyuma y’imyaka myishi cane igihugu c’Urwanda kirongowe n’abatutsi ( abami) bityo Kayibanda amaze gushika kubutegetsi, yabaye uwihora aho yahohoteye cane abatutsi abaziza ko nabo mu gihe c’intwaro yabo ariko bahohoteye abahutu, bityo vyatumye abatutsi b’imvukira zo mu Rwanda bahunga aho benshi bahungiye mu ntara ya kivu muri Congo baterana nabandi batutsi b’abanyamulenge ariko bo bimvukira zo muri Congo. Aha rero niho wasanga bigoye gutandukanya, umututsi w’umunyarwanda yahungiye muri Congo , hamwe n’umututsi w’umunyamulenge wimvukira bwite wo muri Congo kuko bose bavuga ikinyarwanda.

Mu Mwaka 1973, kayibanda yaratembagajwe k’ubutegetsi n’umukuru w’igisoda ariwe Gen Juvenal Habyarimana (Umuhutu) aho wewe yavuga ko ategerezwa guhonya ubwoko bw’abatutsi abaziza ubwicanyi nakabonero kakozwe nabo imyaka yose bahoze barongoye URwanda , ku myaka 21 yose yamaze kubutegetsi, Habyarimana yagerageje uko ashoboye kwica rubozo , gupfunga, guturubika ndetse no kubahohotera aho abenshi muribo bahisemwo guhungira muri Congo basangayo abanyamulenge bimvukira zaho.
Bamwe mu basoda b’abatutsi ntibashimishwa nakabonero ka Juvenal Habyarimana bityo bahitamwo kwiyunga kugira barwanye ubutegetsi bwiwe , ico gihe Paul Kagame yari umusoda wa NRA wa Uganda aho yafasha Museveni mu mashamba.

Bamwe mu basoda b’abatutsi ntibashimishwa nakabonero ka Juvenal Habyarimana bityo bahitamwo kwiyunga kugira barwanye ubutegetsi bwiwe , ico gihe Paul Kagame yari umusoda wa NRA wa Uganda aho yafasha Museveni mu mashamba kurwanya ubutegetsi bwariho ico gihe , mu mwaka 1983 gushika mu 1985 , Paul kagame yagiye kubandanya amashure yigisoda ariko ayahejeje yaciye asubira muri Uganda gufasha Museveni ingwano, niho mu mwaka 1986 batsinze intambara , Yowel Museveni anesha ubutegetsi bwariho ico gihe afata igihugu bityo acaba President wa Uganda .

Paul kagame nyuma yogufasha Museveni akamushikana kuntsinzi, yahisemwo kubandaniriza amashure muri America , ari muri America niho hashingwa umugambwe wa RPF ( Rwandan Patriotic Front ) utangujwe na Gen Fredy Rwigyema kugirango urwanye ubutegetsi bwa Habyarimana ariko Fredy Rwigyema akaba yabitanwe ni grenade mu ntambara bariko baragwana nigisoda ca Leta ya Habyarimana bityo bica bisabwa ko Paul kagame ava muri America asubira mu Rwanda aja kurongora umugambwe wa RPF, Museveni nawe kubera yarafise uburyo, ahitamwo gufasha kagame kumuha infashanyo zose zikenewe, amahera, ibigwanisho ndetse nivyo kurya.

RPF Ica ishinga ibirindiro vyayo muri Uganda aho bita Kabale, mu Burundi mugace ka Muyinga, Congo mu gace ka kivu , uvira no muri Goma .
Mu mwaka 1994 , abasoda ba RPF barashe indege yarimwo President Habyarimana ku kibuga c’indege I kigali aho yaravuye I Dar es salaam muri Tanzania mu biganiro vyamahoro , mwiyo ndege yararikumwe na President w’Uburundi ariwe Cyprien Ntaryamira, bose bapfiriye rimwe uyo mwanya.

Iyicwa rya Havyarimana ryavyuye ishavu abahutu, aho bahisemwo gusimbira mu batutsi baragandagura bityo haca haduka intambara iri hagati y’abahutu n’abatutsi aho habaye ubwicanyi buteye ubwoba kuburyo hari nabatemaguwe imipanga , akaba ari navyo vyatumye abatutsi bahunga igihugu cabo bamwe baja Tanzania , Uganda, gusa abenshi bahungiye muri Kivu.

Mu ncamake abatutsi b’abanyarwanda bahungira muri kivu biyongera buri munsi kandi naho intambara yahera ntibigeze basubira mu Rwanda, mwibuke ko muri kivu hari hariyo abatutsi b’abanyamulenge bi mvukira zaho muri Congo , rero vyari bigoye kubatandukanya kuko bose bavuga ururimi rumwe

Mwibuke igihe imbibe za shingwa, hari abatutsi baba mu gace muri Congo kitwa Mulenge, bityo ijambo abanya mulenge ryavuye aho , abo rero ni mvukira zo muri Congo kandi vyukuri mbere yaho barumvikana naba congomani, ariko inyuma yaho abatutsi bo mu Rwanda benshi babandanije guhungira muri Kivu, aba congomani rero niho batanguriye kubinuba babafata ko atari imvukira zaho, ariko birengangiza ko hari abatutsi koko bavukiye I mulenge, ico gihe congo yitwa Zaire yari irongowe na Mobutu sese Seko, ico gihe ndetse President yarase no kubaha ivyagombwa vy’igihugu nkaba Congomani.

Mu gihe ivyo vyariko birabandanya muri Congo , hariya mu Rwanda igisoda ca RPF ca Paul kagame caragerageje kurwana kugeza yaho batsindiye igisoda ca Leta carimwo abahutu benshi “ FDLR “ ndetse baca bafata igihugu , Ico gihe rero aba FDLR batsinzwe baciye bahungira muri Congo , abo bahunze baca bashigikirwa na Leta ya Mobutu, bityo President Mobutu yaha ibigwanisho aba FDLR bagwanye Leta ya Kagame kugirango bagarukane leta y’abahutu.

Mu gihe Mobutu yariko arafasha aba FDLR gutembagaza intwaro ya RPF mu Rwanda, ico gihe President wa Congo nawe yarafise imigwi irenga 40 y’abagumutsi irwana n’ingabo za Congo . Umwe muri iyo migwi ni umuhari w’ingabo za (AFDL) wari urongowe na Laurent Kabila.
Igihe Mobutu yafata ingingo yo gufasha abasirikare ba FDLR . (Intarahamwe) ngo barwanye reta y’u Rwanda, Kagame na we nyene yaciye afata ingingo yo gushigikira Laurent Kabila n’umuhari wiwe w’umuhari AFDL kugira ngo bakureho Mobutu. Mu yandi majambo, unkore mu jisho nanje ndagukoreyo.

Ico gihe, bivugwa ko Leta y’u Rwanda yari yaronse ibirwanisho vyinshi bivuye mu Bufaransa no mu Bwongereza, ni co gituma Kagame yigerageje, abona ko afise inkomezi zo kurwana na Mobutu. Ico gihe, Kagame yari icegera ca prezida ku butegetsi bwa Pasteur Bizimungu, ariko niwe yarongora vyose. Imvo zo gushigikira Kabila “
1. Ubwoko (gukingira umutekano wabatutsi )
2. Mobutu ashigikiye FDLR (Intarahamwe)
3 . Kuba hariho ubutunzi bwinshi mu karere ka Kivu, cane cane amabuye y’agaciro.

Akarere ka Kivu ni akarere k’ingenzi cane kandi aba kapitaliste bose bo kw’isi bama bakaraba ku maso kubera ubutunzi bwako. Kivu ifise amabuye y’agaciro yitwa Coltan akoreshwa mu gukora amatelefone n’ama laptop. 80% vy’ivyo bita coltan vyose kw’isi biva muri Congo (ushobora kubirondera kuri google nimba wibaza ko ndiko ndabesha ). Muri make, iyo Congo itaba, nta telefone ngendanwa za smart phone canke laptops vyobayeho kw’isi. Ca wibaza rero aho hantu ukuntu hipfuzwa n’abantu.

Agace ka kivu karimwo kandi amabuye y’agaciro, akoreshwa mu bikoresho vy’ubuhinga bwa none nk’amaradiyo, amateleviziyo, amatelefone n’ibindi. Hariho amabuye y’agaciro yitwa tungsten akoreshwa mu gukora ibirwanisho. Kandi hariho n’ivyuma bita Cobalt, bikoreshwa mu gukora amabateri atandukanye, harimwo n’ay’imiduga. Ndababwiza ukuri ivyo ntibihagije , Kivu irafise inzahabu nyinshi cane. Akarere ka Kivu ni ko gatunze inzahabu nyishi kwisi zitarimbwa “ (The most unexplored gold site globally).
Paul Kagame yiyumviriye kure . Ico gihe, u Rwanda rwari rwavuye mu kiringo kirekire c’intambara n’akaduruvayo. Paul kagame Yashaka ubutunzi bwo mu karere kugira yubake igihugu , Ariko ikibazo yaribaza ati: izo nzahabu zo muri Congo azozimba gute kandi we na Mobutu batumvikana ? Yaciye afata ingingo yo gushigikira umusaza Laurent Kabila. Ariko yarashizeho ivyo asabwa. We yagize ati: Nimbafasha gutembagaza Mobutu, akarere ka Kivu yo mu Bumanuko, gafise abatutsi benshi (aBanyamulenge), kazokwitandukanya na Kongo, kabe igihugu cigenga.

Yari yarakoze ibiharuro bikomeye cane kugira ngo Kivu ibe igice c’u Rwanda imaze kwitandukanya na RDC. Kabila ati: “Sawa.” Kagame ico gihe yarafise Ubufaransa n’Ubwongereza inyuma yiwe, ati reka tugende dusinye amasezerano . Amasezerano yasinywe mu gisagara gitoyi ca Lemera, muri Kivu yo mu Bumanuko

AFDL ya Kabila yarafashijwe ibirwanisho n’amahera bihawe na Kagame kugira bagwanye ingabo za Leta ya Mobutu (FARDC).
U Rwanda rwatanguye ku mugaragaro intambara yo kurwanya reta ya Mobutu, rwitwaza ko ruriko rurarondera abasirikare b’Interahamwe bari bahunze baja muri Kongo. Uganda nayo yarungitse ingabo kurondera abagarariji ba LRA. Mobutu abonye ko agiye gutsindwa , yafashe indege ahungira muri Maroc. Bukeye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 1997, Laurent Kabila niwe yamenyeshejwe kuba umukuru w’igihugu mushasha wa Kongo. Iyo ntambara yahinduwe izina yitwa Intambara ya mbere ya Kongo (1996-1997)
Nyuma yo gufata ubutegetsi, Kabila abifashijwe na Kagame, icambere yakoze ni ugukuraho izina Zaire, asubizaho Kongo (Repubulika iharanira demokarasi). Mu nyuma yaciye yiyumvira kuri Kivu, akarere gafise amabuye y’agaciro adasanzwe kw’isi yose.
aca ajugunya y’amasezerano ya Lemera bakorana na Kagame, ubwiwe Yavuze ko Kivu izoguma ari Kongo kandi amabuye y’agaciro ya Kivu azokwubaka Kongo. Nagasuzuguro kenshi ati, none ko ndi President urankurako ? Aho yabwira kagame yiyibagiza ko ariwe yamufashije gufata igihugu.

Kagame rero ntiyashoboye kwiyumvisha ivyo Kabila amukoreye . Yaribajije ingene u Rwanda rwari rugiye kuba Dubai ya Afrika n’ubutunzi bwa Kongo.Ariko aca ahindurwa bukwi na bukwi n’umugenzi wiwe Laurent Désiré Kabila. Niho rero guca yiyambaza umusaza Museveni. Kugirango bagire ico bakoze, Umusaza ati niyatakurikiza amasezero twakoze, reka tuzomwereka . Niho rero baciye Bararondera umugwi w’abagarariji kugira ngo babafashe. Baciye bahitamwo gufasha umuhari w’abanyakongo wo guharanira demokarasi (RCD), uyobowe na Jenerali Ernest Wamba dia Wamba. Uwo mugwi wahawe ibirwanisho n’amahera, utangura kugwana na Kabila.

nyuma yaho Kabila yihindukije kumasezerano bakoranye na Kagame , RCD ishigikiwe na Kagame yaciye itangura kurwana n’ingabo za Kongo (FARDC) zifashijwe n’abanyarwanda n’abanya Uganda.
Intambara yarakomeye cane, Kabila yabonye ko ashobora gutsindwa, aca asaba imfashanyo muri Angola na Tchad. Ivyo bihugu vyazanye ingabo zavyo muri Kongo. Intambara yarakomeye cane. Akarere ka Kongo k’i burasirazuba gacika ikibanza c’ingwano aho abantu bapfuye ku bwinshi cane, gushika aho wasanga imivyimba isanzaye mu mabarabara itahambwe, kandi iriko iraribwa n’inyoni.

Iyo ntambara yo kurwana na Kabila, yiswe Intambara ya kabiri ya Kongo (1998-2002), iyo ntambara ikaba ari yo mbi kuruta izindi mu mateka y’intambara zose zabaye muri Afirika. Yabatijwe izina ry”Intambara Nkuru ya Afirika”. Abantu bagera ku bihumbi amajana atanu barapfuye mu gihe amamiliyoni yahunze igihugu. Intambara yarabandanije, ingabo z’u Rwanda n’iza Uganda zicukura amabuye y’agaciro. Hagati mu ntambara, haradutse amakimbirane y’inyungu hagati ya Museveni na Paul Kagame.

Jasin Stearns, mu gitabu ciwe yasohoye mu 2011 citwa “ Dancing in the Glory of Monsters “ Gutamba mu Buninahazwa bw’Ibikoko , avuga ko Kagame yananiwe gutahurana na “sekuru” wiwe Museveni ku bijanye n’ugusangira ubutunzi. Ivyo vyatumye umugwi wa RCD ucikamwo ibice, havuka imigwi ibiri. Irya mbere ryitwa RCD-Goma rirongowe na Koloneli Emile Ilunga (iryo ryari rishigikiwe n’Urwanda) irya kabiri ryitwa RCD-Kisangani rirongowe na Jenerali Mbusa Nyamwisi (ishigikiwe n’Uganda).

Kagame ananiwe gutahurana na “sekuru” wiwe Museveni ku bijanye n’ugusangira ubutunzi muri Congo “ Ivyo vyatumye umugwi wa RCD ucikamwo ibice, havuka imigwi ibiri. Irya mbere ryitwa RCD-Goma rirongowe na Koloneli Emile Ilunga (iryo ryari rishigikiwe n’Urwanda) irya kabiri ryitwa RCD-Kisangani rirongowe na Jenerali Mbusa Nyamwisi (ishigikiwe n’Uganda).

Mwibuke ko imbere y’uko umugwi wa RCD usenyuka ugacikamwo Ibice , yari iza yarafashe uturere twinshi tw’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro i Goma, Bukavu na Katanga, ariko inyuma y’aho bacitsemwo ibice, haciye haduka amakimbirane ku bijanye no gusangira intara.
Ubwo rero haciye haba intambara ikomeye hagati yabo, iyo ntambara yiswe “’Six Day War’’Intambara y’Imisi Itandatu’ kuko yarwanywe imisi itandatu. RCD-Goma ya Kagame bakubise RCD-Kisangani ya Museveni nabi cane, aho hari Itariki, 10 Ruheshi 2000 “ kubwivyo RCD Kisangani ya Museveni yarakubiswe cane ndetse benshi barapfa kuburyo bahisemwo guhunga barata baromoka.

Mwibuke ko mbere yavyose, RCD Itanguzwa, yariyo gushaka ku rwana kugira bakureho ubutegetsi bwa Kabila, rero RCD ya museveni bataye bakomoka, haciye hasigara RCD Goma yonyene ya Kagame aba ariyo ibandanya ingwano ikaze yo gukuraho Laurent Kabila , RCD-Goma yakomeje kurwana yerekeza i Kinshasa. Ariko bari munzira bageze I Bukavu bahuye n’ukurwanywa n’abasirikare b’abanyagihugu abo bita aba maï-Maї bari bafise ibirwanisho vy’intwaro bahawe na Leta kugira barwanire igihugu.

Ni co gituma urugendo rwa RCD Goma rwo kuja i Kinshasa kugira ngo ukureho Laurent Kabila, rwahuye nuguhangana gukomeye kwa Maï-Маї aho abantu barenga 1000 bapfuye mwiyo ntambara .
Intambara yo kwirukana Laurent Kabila yabaye iyigoye kuko imigwi myinshi yari yariyunze yatanguye kurwana hagati yayo , Ivyo vyatumye intambara irushiriza kugora, kuko abantu barwana mu buryo butatunganijwe neza , abanyagihugu benshi barapfuye cane muri Congo

Iyo uriko uragwanywa n’abantu 2 ariko bo ubwabo bagatangura gushwana , nukuri ushira akaguru kukandi ugashima Imana ko uronse agahengwe, ivyo nivyo vyabaye kuri laurent Kabila, yibaza ko intambara imusize ariko ntiyamenya ko hari umutego watezwe kuva kera.
Ico Kabila yibagiye nuko Kagame ari umuntu w’ubwenge kuvyintambara . Igihe Kagame yasinya y’amasezerano ya Lemera, yashize “abantu biwe” mu ngabo ziwe z’umutekano zo gucungera Kabila, Umwe muri bo yitwa Rashid Kasereka afise amamuko yo mu Rwanda. Ku wa 16 Nzero 2001, Lieutenant Kasereka yarashe Prezida Kabila incuro 4 mu nda, aca arapfa ubwo nyene.

Amakungu yagirije Kagame ko afise uruhara mwiyicwa rya Laurent Kabila , ariko we arabihakana, avuga ko ivyo birego ata shingiro bifise. Inyuma y’urupfu rwa Mzee Kabila, umuhungu wiwe Joseph yaciye arahira kuba umukuru w’igihugu afise imyaka 29 gusa. Joseph Kabila yaragize utwigoro dutandukanye kugira ngo iyo ntambara irangire mu gushiramwo amakungu.

Ku wa 30 Nyakanga 2002, harashizweko umukono ku masezerano ya Pretoria “ (The Pretoria Agreement) yasaba ko abari muri iyo nama bose bahagarika intambara. Ku wa 17 Kigarama 2002, haciye hasinywa irindi sezerano ryitwa “ Global & Inclusive Agreement “ amasezerano y’isi yose n’ay’abantu bose (azwi kw’izina ry’amasezerano y’amahoro yo mu 2003). Kandi mu nyuma, ku wa 2 Ndamukiza 2003, harashizweko umukono ku masezerano y’amahoro azwi cane kwizina rya “ Sun City Peace Agreement “ ayo masezerano niyo yatumye Congo ironka agahengwe intambara zirahagarara.

Intambara imaze guhera, Kongo yarasubiye mu mahoro, naho hariho imigwi mito mito y’intagondwa mu bice vy’ubusereko bw’igihugu, cane cane mu karere ka Kivu, ariko imigwi yose ikomeye y’abagwanyi yemeye gushira ibigwanisho hasi. Kuva mu 2003 gushika mu 2006, ibintu vyaratuje rwose. Ku ncuro ya mbere abanyagihugu bo muri Congo bariruhukije, bakaryama batumva amasasu.

Inyuma y’imyaka itatu Congo itekanye abanyagihugu bafise agahengwe , bukwi na bukwi mu mwaka w’2006 Jenerali Laurent Nkunda, yarigumuye asuzugura ingabo za Congo , avuga ko Leta yananiwe gushitsa amasezerano y’amahoro ya SunCity Peace agreement “ Ndabibutse ko imbere y’uko yinjira mu gisirikare, uwu yari asanzwe yari umurwanyi w’umugwi RCD – Goma, umugwi wari ushigikiwe n’u Rwanda, Inyuma y’amasezerano ya Suncity, abari mwiyo migwi bose barashizwe mu gisirikare, harimwo na laurent Nkunda.
Ariko kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2006, Nkunda yaciye ashinga uyundi mugwi w’intagondwa urwanya leta witwa(CNDP). Ivyo we y’avuga:

– Abasirikare bahoze barwana ba RCD Goma , binjiye mu gisoda ca Leta , ngo ntibahabwa amabanga akomeye muri Reta.
– Reta ya Congo ngo ntiyemera Abatutsi (abanyamulenge) baba mu buseruko bw’igihugu nk’abanyagihugu ba Kongo.
– Leta ya Congo ngo ntiyashoboye gufata abahutu bo mu muhari FDLR (Intarahanwe) bihishe muri Kongo bamaze gukora jenoside mu Rwanda mu 1994.
Nkunda yavuze ko intumbero yo gushinga umuhari w’intagondwa za CNDP ko bariko bararwanira uburenganzira bw’abatutsi baba mu buseruko bwa Kongo (Abanyamulenge) kandi ko bariko bararwanya ingabo z’abahutu z’umuhari FDLR. Nkunda yashigikiwe n’Urwanda na Uganda, bamuha ibirwanisho, intambara iba itanguye bushasha muri Congo.

Ico gihe CNDP yishe abasivile benshi b’inkomoko y’abahutu, ibarega ko ari abashigikiye FDLR. Reta y’Uburundi iyobowe na Piere Nkurunziza (Umuhutu), yarungitse ingabo muri Kongo kurwanya umugwi wa CNDP kugira ngo ikingire abanyagihugu bayo bari bakuriye muri Kongo. Haciye imyaka itatu hari intambara zikomeye mu buseruko bwa Kongo.

Mukakaro 2009, uno mugwi wa CNDP bararushijwe inguvu . Laurent Nkunda yahunze aja mu Rwanda. Inyuma yaho Jenerali Bosco Ntaganda, Umututsi yavukiye i Kinigi mu Rwanda, niwe yagenwe kurongora uno mugwi wa CNDP. , we hoho yarakoze amabi cane y’ububisha vyinshi ku basivile kuruta uwo yamubanjirije, nk’ugufata ku nguvu, ubwicanyi bw’agahomerabunwa, no gukoresha abana ngo babe abasirikare.
Ku wa 23 Ntwarante 2009 ( March 23, 2009 ) Leta ya Kongo n’umuhari CNDP vyasinye amasezerano y’amahoro, yitwa “Accord de 23 mars”, arimwo ibi bikurikira:
– Guhagarika intambara ku mpande zose.

– Kwinjiza abasirikare ba CNDP mu ngabo za Kongo.
– Kudakurikirana abasirikare ba CNDP ku vyaha bakoze mu ntambara.
– Abanya Kivu bakwiye kwungukira ku butunzi bwabo .
– Gukingira uburenganzira bwa muntu muri Kivu

March 23, 2009 Amasezerano y’amahoro yitwa “”March 23 Agreement “ yasinywe i Goma, hagati ya Leta ya Kongo n’abagwanyi ba CNDP bashigikiwe na Leta y’Urwanda , abahuza bakaba yari Mzee Mkapa muri Tanzania na Mzee Obasanjo , aho Intambara bayihagaritse.
Abasirikare ba Bosco Ntaganda n’aba CNDP binjijwe mu ngabo za Kongo (FARDC). Inyuma y’imyaka itatu y’amahoro, iyo ntambara yarahagaze burundu. Ariko bukwi na bukwi, kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2012, Bosco Ntaganda yatangaje ko yirutse mu gisirikare ca Kongo (FARDC) ari kumwe n’abasirikare bamwebamwe bari inyeshamba za CNDP. Ntaganda yavuze ko Leta ya Kongo yananiwe gushitsa amasezerano y’amahoro yo ku wa 23 Ntwarante 2009 ( March 23,2009 )
Yavuze ko ayo masezerano yashizeho ivyangombwa vyo kudatoteza abasirikare 600 ba CNDP banse kwinjira mu ngabo za Kongo. Ariko Leta ya Kongo yarabafashe , Bamwe barafashwe abandi barapfa. Yavuze kandi ko Leta ya Kongo yananiwe kurinda Abatutsi (ABanyamulenge) baba mu buseruko bw’igihugu.

Bosco Ntaganda yatangaje ko hashizweho umugwi mushasha wabagwanyi witwa M23. Yavuze ko akoresha iryo zina mu kwibutsa Leta ya Kongo kwubahiriza amasezerano y’amahoro yo ku wa 23 Ntwarante 2009. Umuhari M23 wararonse abawushigikiye benshi cane , nacane cane abahoze ari abasirikare ba CNDP na Banyamulenge wo muri Kivu. Intambara yongera gutangura gushasha.

Ico gihe mu 2012 , URwanda na Uganda vyagirijwe gushigikira abo bagumutsi ariko baranka kuvyemera, gusa impamvu nyamukuru URwanda vyaboneka ko bari inyuma yuwo mutwe nuko M23 yari ifise ibibanza vyikirindiro vy’igisirikare mu bisagara vya Gisenyi na Rusizi. Ikindi naco nuko Bosco Ntaganda yatanguje M23 atari imvukira yo muri Congo ahubwo yari umunyarwanda yavukiye kandi akurira mu Rwanda aho ndetse Yakoreye ingabo z’u Rwanda imyaka myinshi, imbere y’uko zija muri Kongo kurwanira uburenganzira bw’Abanyamulenge.
Inyuma y’umwaka w’intambara ikaze, ingabo za M23 zararushijwe inguvu n’ingabo za leta. Igenekerezo rya 18 Ntwarante 2013, Bosco Ntaganda yahunze aja mu Rwanda, aja kwitanga kuri ambasade ya Amerika i Kigali. Yaciye aja i La Haye, aja mu rukiko mpuzamakungu rw’ubugizi bwa nabi (ICC).

Muri 2015, urubanza rwiwe rwaratanguye, muri 2019 aregwa ivyaha 18, harimwo gufata ku nguvu, kwica abasivile ataco bazira, no gukoresha abana b’abasirikare. Yaciriwe imyaka 30 y’igifungo, kugeza nubu , umugabo yatanguje M23 ariwe Bosco ntaganda aracafunzwe kubera ivyaha bikomeye yakoze vyo kwica rubozo abanyagihugu yitwaza ko bariko baragwanira agateka k’abanyamulenge.

Bosco Ntaganda amaze kurungikwa i La Haye gukorera ikiringo yaciriwe co gupfungwa imyaka 30, M23 yaciye irongogwa na Sultan Makenga, Umututsi w’i Rutshuru muri Kivu y’Uburaruko. Mu 1990, afise imyaka 17, Makenga yagiye mu Rwanda kwifatanya nikiroberi ca FPR bayobowe na jenerali Fredy Rwigyema. Sultan Makenga, nk’umusirikare wa FPR, yararwanije cane intwaro y’Abahutu yari irongowe na Juvenile Habyarimana.

Inyuma y’aho FPR ifatiye ubutegetsi, abasirikare bose ba FPR barinjijwe mu ngabo z’Urwanda, harimwo na Sultan Makenga.

Yamaze igihe kirekire mu gisirikare, ashika ku rwego rwa Koloneli, imbere y’uko asubira muri Kongo, kwifatanya ni kiroberi ca CNDP. Inyuma y’amasezerano y’amahoro yo ku wa 23 Ntwarante 2009, Sultan Makenga yari muri b’abasirikare 600 nababwira ba CNDP banse kwinjira mu gisirikare ca Kongo (FARDC).

Mu mwaka w’2012, igihe Bosco Ntaganda yava mu gisirikare ca Kongo, akaja mu kiroberi c’abagumutsi ba M23, Sultan Makenga ni we yabanje kwinjiramwo. Ntaganda rero amaze kwitanga agafatwa , Makenga niwe yaciye ahabwa uburongozi bwa M23. Yarongoye kuva mu 2013 gushika mu 2016 hanyuma ava mu burongozi aja mu Rwanda. Nyakanga 2024, Makenga yavuganye n’itangazamakuru ku ncuro ya mbere mu gihe yari Kigali, yamenyesheje ko nubu agifise inyota yo kuja kubohora RDC. Mu ncamake yashatse kuvuga ko umugambi wiwe wo kurwana n’ubutegetsi bwa RDC akiwufise.

Inyuma ya Makenga, M23 yararonse abarongozi batamenyekanye gushika mu 2022 aho baronka Corneille Nangaa, yabaye umukuru wa komisiyo y’amatora (CENI) kandi niwe yatangaje ko Tshikeshedi ari we yatsinze intebe ya Prezida mu matora yo ku wa 30 Kigarama 2018.
Mu bintu bitangaje bituma intambara ya Kongo isa n’iyigoye, ni ingene Nangaa yavuye mukuba umukuru wa komisiyo y’amatora, aja mu gushinga ihuriro ry’imigwi yabagwanyi , Congo River Alliance (CRA) no kwinjizamwo M23. Nangaa niwe yarongoye ingabo za M23 zifata igisagara ca Goma mwuno mwaka w’2025, zirukana ingabo za leta. Nangaa yatangaje ko afise umugambi wo gukuraho umukuru w’igihugu Tshisekedi ku butegetsi, uwo yigeze gutangaza ko ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu mu 2018.

Mu 2024 , sentare y’igisirikare i Kinshasa, yaciriye Nangaa igihano c’urupfu anyonzwe kubera icaha co guhemuka. Ico gihano caciwe atahari mu rubanza . Ubwiwe yavuze ko nibarinda bafata igihugu, abo bamuciriye urubanza rwo kwicwa nibo bazopfa Mu kiringo ciwe.

98% yintambara imaze imyaka myinshi muri Congo yatumwe n’abanyarwanda “ abantu amamilioni baramaze kicwa abandi barahunze bivuye ku Rwanda n’abanyarwanda. Nimba warasomye part 1 kugeza kuri part 12 waratahuye ingene ibibazo vya Congo vyatanguye.

Reka rero mbandanye inkuru “ Umugambi rero wa M23 ni uwo gushika i Kinshasa, ugatembagaza intwaro ya Prezida Felix Tshisekedi. Ivyo M23 isaba ni bimwe nk’uko vyama, ni ukugira ngo bakingire inyungu z’abatutsi baba mu buseruko bw’igihugu, barwanye ingabo z’abahutu z’umuhari FDLR (Interahamwe), no gusaba ko abanyamulenge bemerwa nk’abanyagihugu ba Kongo “ bishatse kuvuga uno mutwe witerabwoba hamwe urinze ufata igihugu, inyungu z’Urwanda hamwe niz’abatutsi nizo zoshirwa imbere gusa batitaye ku bundi bwoko .
Intambara yo mu buseruko bwa Kongo yahitanye abantu amamiliyoni kuva yatanguye. Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu (ONU) hamwe n’ishirahamwe ry’iterambere ry’ibihugu vya Afirika y’epfo (SADC) vyarungitse abajejwe kubungabunga amahoro. Ndabibutse ko abo basirikare bo kugarukana amahoro batarwana ku ruhande rwa leta , ni ukuvuga nubwo woba uri muri reta ugashaka guhungabanya umutekano wabanyagihugu nawewe baragukorerako bakakwivuna.

Kongo yononewe n’ubugwaneza bwiwe yagiriye abanyarwanda . Mu gihe c’intambara yo mu Rwanda, Kongo yakiriye abatutsi benshi, irabaha n’ubuhungiro.

Intwaro ya Habyarimana imaze gutembagazwa, Abahutu na bo nyene barahunze baja muri Kongo, bahabwa ubuhungiro. Kugeza ubu URwanda ruguma rurungika abasoda muri Kongo, bitwaza ko bagiye guhiga abahutu ba FDLR. Mu majambo yoroshe, intambara hagati y’abavukanyi babiri (Abahutu n’Abatutsi) yari ikwiye kurwanira mu Rwanda, ubu iriko irarwanirwa muri Kongo.

Kongo ibangamiwe n’imipaka y’abakoloni. mu gihe co guca imipaka, iyo umuryango wose w’Abatutsi uza kuba uri mu Rwanda, nabari bagiye gutembera muri Congo , ntibace bitwa abacongomani igihe hacibwa imipaka, uno musi nta Banyamulenge baba biyita aba congomani , rero Abatutsi nta mpamvu rimwe bari kuba bafise yo kuba muri Kongo bakigira nk’abanyagihugu bavukiyeyo.

Kongo iriko irababazwa n’ubutunzi bwayo. Iyo akarere ka Kivu katagira ubutunzi nk’ubwo, ingorane ntizobaye nyinshi nk’uko ziri. Raba Igice ca 1 kugira umenye ubutunzi buri muri Kivu. Nimwibuke, iyo hataba Kivu, kwisi ntituba dufise ama laptops canke smartphones kuko 80% vy’ama coltan yose kw’isi ava muri Kivu.

Benshi mu barongozi ba M23 ni abanyarwanda. Ni ukuvuga 98% bavukiye ndetse bakurira mu Rwanda , ico ni ikimenyamenya c’uko u Rwanda ari rwo ruri imbere mu ngorane zose Congo ishikirwa nazo ikindi nuko U Rwanda na Uganda arivyo bifise uruhara runini mu ngorane za Kongo. Ingabo zabo zimaze imyaka zihindura Kongo itongo ry’intambara , ni bakure ingabo zabo muri Kongo barabe ko amahoro atagaruka.

Kongo ni nini cane , nta ngabo zikomeye zihagije bafise zo kurinda imipaka yayo yose. Kongo iruta u Rwanda incuro 90. Hari abavuga ko hamwe bagabuye igihugu ari uburyo bwo gutorera umuti iyo ntambara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments