UBM News ads

Rwanda-Belgique:intambara ya kongo icanishijemwo urwanda na Belgique.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yo kwagirizwa na Belgique kuvogera ubutaka bwa kongo ku nguvu,Urwanda ruhagaritse ivy’ imigenderanire n’infashanyo y’imiliyoni 95 z’ama Euro rwohawe na Belgique.

Urwanda rwaraye rufashe ingingo yo guhagarika ibijanye n’imigenderanire hamwe n’infashanyo ingana n’imiliyoni 95 z’ama Euro Belgique yohaye urwanda mu mugambi w’iterambere womaze imyaka 5(2024-2029).

Urwanda Rwagiriza igihugu c’ububiligi guhengama kugira haboneke umuti urama ku ntambara ziri mu buseruko bwa kongo.

Beligique yo yagiriza urwanda kuvogera ubutaka bwa kongo ku nguvu ivyatumye urwanda rufata ingongo yo guhagarika infashanyo yahabwa na Belgique.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’imigenderanire yo gufashanya n’ayandi makungu,urwanda rumenyesha ko rudashobora kwemera infashanyo iza ihonyanga ubwigenge bw’igihugu.

kuruhande rw’ububiligi,umushikiranganji w’imigenderanire Prévoit abicishije kuri x yashimangiye ko Belgique n’ubundi yari ikiriko irasuzuma nimba izogumizaho ayo masezerano yo gufashanya kubera kubera urwanda ruriko ruvogera igihugu ca kongo ku nguvu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments