UBM News ads

Ahantu Paul Kagame akura inguvu ! Cndd-fdd na RPF hoba hari itandukaniro hagati yabo ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ndakurahiye Kumbe Kagame arazi ico yipfuza ! NI IRIHE TANDUKANIRO RIRI HAGATI YA RPF (umugambwe wa KAGAME na CNDD FDD ya E.NDAYISHIMIYE?
Iyi migambwe yose ibiri yavuye mu Nyeshamba,irwanya butegetsi bwari buhari ivyo bihe. RPF Inkotanyi yarwanije Leta ya Habyarimana,bayagiriza kuba Leta yubakiye ku bwoko bumwe ( Leta Mputu )
CNDD FDD nayo yarwanije Leta yico gihe iyagiriza kuba Leta ifatiye ku bwoko bumwe ( Leta Ntutsi ) Murumvako amateka aha agomba gusa!

Itandukaniro rero ririhe ?
RPF Inkotanyi yageze k’Ubutegetsi ifashe igihugu ku nguvu(Ku muheto)
CNDD FDD nayo yageze mu Gihugu biciye mubiganiro vy’Amahoro!
Aha muca mwumva ko RPF yari ifise inkomezi nyinshi cane gusumba CNDD FDD.

None iryo tandukaniro ry’Inguvu riva hehe? RPF yarigizwe n’Abagore bahunze Igihugu n’abandi bavukiye mumahanga batari bazi Urwanda rwabo! Aha Abenshi bayitanguje bari muri Uganda muma Kambi y’Impunzi! Ariko Abenshi muribo harimwo na Kizigenza wabo Kagame bari bafise ubuzobere mue Ntambara kuko barafashije cane mu Rugamba rwa Museveni arwanya Leta ya Uganda ya Milton Obote,Museveni aratsinda afata Uganda ku nguvu!! Aha mwomenyako Kagame niwe yarajejwe iperereza muri NRA(National Resistance Army)ya Museveni! Murumvako Kagame yamye akomeye!

Bahejeje gutsinda Obote,ubwo Plans zo gutera Habyarimana nazo ziba ziratanguye! Abatutsi bari hanze y’Urwanda(mubuhingiro) basa naho batafatwa kumwe n’Abatutsi bari mu Gihugu ca Habyarimana! Abari hagati mu gihugu Bafatwa nk’aho batumva neza urugamba rwa RPF ya Kagame. Ibi ninavyo vyatumye basa nk’aho bagizwe incungu kuri RPF,igategura urugamba harimwo no kwica Habyarimana!Biranagoye kwemeza ko RPF itoba yarashe indege ya Habyarimana izi neza ko haca haba Génocide! Ariko ibi RPF irabihakana kenshi! Eka iranahakana ko ariyo yakoroye indege ya Habyarimana. Kandi birumvikana neza ko hamwe bovyemera ko aribo bayikoroye boca bagirizwa ko aribo batanguje Genocide!!! CNDD FDD nayo yavukiye mu Gihugu nyene,mbere mu gusagara ca Bujumbura,inyuma yiyicwa rya Président Ndadaye! Abasore bab’Abahutu bagiye hamwe kugira birwanire barwanira n’Abandi bahutu bariko baricwa na Leta ya Président Buyoya bazira Ubuhutu bwabo!

Ukunanirwa kwambere kw’Abahutu Murazi aho vyatanguriye? Kwazananye kuri Président Ndadaye, muti gute?? Président Ndadaye yagiye ku butegetsi 1993 ahejeje gutsinda Amatora!
Murico gihe nyene hari abarwanyi ba PALIPE HUTU-FNL bari mumashamba hirya no hino mu Gihugu kuva 1986,barwanya Leta ya Buyoya. Burya Ndadaye agitangura kuvugwa cane mu za 1992 nahandi,Buyoya na Leta yiwe bari baziko Ndadaye ari kumwe na PALIPEHUTU-FNL,kugeza Amatora abaye Ndadaye aratsinda,kugeza ararahirira gutwara igihugu!

Akigezeko,bari biteze ko aca yinjiza aba FNL mu gisirikare ca Leta kugira bamurinde,ariko vyagenze ukundi,ahubwo yaciye atangaza uruhigi kuba FNL,avugako azobafatisha amaboko!
Aha rero vyatumye Igisoda cari kigizwe n’ubwoko bumwe kirongowe na BIKOMAGU caciye cumva ko batarikumwe! Baca babwira Buyoya yari yamaze gutanga igihugu ko Ndadaye atawe afise yo muranira naho bomwica! Vyatumye Buyoya yongera kugira agatima ko kugaruka gukuraho Ndadaye. Iyo Ndadaye yiyegereza aba FNL,ko aribo bahutu bambere bari bafise inkoho,Bazi no kurasa,kandi bari basanzwe bahanganye na Leta ya Buyoya, Ndakurahiye nta muntu yarikwica Ndadaye!
Kuri CNDD nayo ivutse mu 1994 Abantu benshi barayitavye kubera urupfu rwa Ndadaye,aba bantu iyo bajana inguvu batanguranye zose muri Palipehutu FNL bakaja hamwe kugira barwanye Buyoya,Ndakurahiye Buyoya yari guta akomoka! Igihugu bari kugifatisha inguvu.

Ariko kubera ukwikunda,ukwikakisha,kubura ubumwe kw’Abahutu ntivyari gukunda, kuko umwe wese ashaka yitwe “Chef” ntawushaka kuba muto. Ibaze nawe,Leta ya Buyoya yari imwe,ariko imirwi y’Abahutu iyirwanya yarenga ine(4) kandi yose ntiyahuza,bahuye barwana bo kuribo Ingabo za Buyoya zikaza guhohosha! Muribaza izi nguvu vyari kugenda gute iyo zija hamwe?’ CNDD FDD yari ifise abarwanyi benshi,ariko naho biruko ntanguvu nayo yarifise kuko barinze basinya Amasezerano na Leta, ata Commune n’imwe bafashe ngo bayigarurire!

Aha rero murabona ko Abahutu vyarabananiye ko bagira urugamba rumwe,ibi navyo biha inguvu uwo muhanganye! Mu gihe,Abatutsi bo mu Rwanda bo bitahuye,batahura umwansi wabo,batahura ico barwanira,batahura aho bagomba gushika,bagiye hamwe bakora ikintu kimwe citwa RPF Inkotanyi barashoboye gutsinda umwansi wabo mu mezi ane gusa,baba barafashe Igihugu!

Ayo rero niyo mateka ari hagati ya CNDD FDD na RPF bakiri mwishamba! Bageze k’Ubutegetsi naho vyagenze gute? Bageze ku Butegetsi hoho itandukaniro ryabaye rinini cane!
RPF Inkotanyi, biboneka neza ko bagiye mwishamba bafise Target bashaka gushitsako Urwanda,bashitse bahagarika icitwa ibiturire,bahagarika,ubusuma bw’amatungo ya Leta,bahagarika ibintu vyose vyari vyarazingamitse igihugu! Batangura gushasha,kuko bari bashitse basanga Leta ya Habyarimana yarimukanye ibintu vyose bigize igihugu.

CNDD FDD nayo biboneka neza ko bagiye mwishamba bafise intumbero zindi atari gushayura Igihugu. Bisa nkaho bose bashaka kwihora ba Buyoya mu Butunzi!bubake amazu ,babe ibitangaza nka babatanguriye! Bashitse basanga Leta ifise amahinguriro n’amashirahamwe akomeye atari make(COTEBU,VERRUNDI,ONATEL,COGERCO, SOSUMO , nayandi) Ayo yose barayahombeje yarayarya menshi arugara,ayagikora nayo aracumbagira) Basanze Leta ifise indege irererura Umukuru w’Igihugu bayishikiyeko barayirya!uyu musi Umukuru w’Igihugu akoresha inkotano! Mugihe RPF basanze atanimwe ihari,ariko ubu Urwanda rufise izirenga 10 zikora ingendo mu bihugu bitandukanye! Vyukuri abo bantu bagiye ku rwana mw’Ishamba bafise intumbero zimwe??

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments